Accueil > Amakuru > Poritike > Abashingamateka bo mu Mizero y’Abarundi bankiwe gutanga ikiganiro ku (...)
Abashingamateka bo mu Mizero y’Abarundi bankiwe gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru
vendredi 9 Ruheshi 2017
Mw’ikete ryo gusubiza iryari ryanditswe n’umukuru w’umurwi w’abashingamateka bava mu runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bariko basaba uruhusha, umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko yanse ko batanga ico kiganiro yisunze ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwashinzwe mu matora kandi amategeko adatomora ingene abagize urwo runani bakorana inyuma y’amatora.
Muri iryo kete, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA asaba umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura hamwe na musitanteri wa komine Mukaza umwe wese gukora ico ajejwe kugira ico kiganiro ku bamenyeshamakuru ntikibe.
Twagerageje kurondera umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA aserukira abashingamateka bo mu runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi kugira agire ico ashikirije kuri iyo ngingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ariko ntitwashoboye kumuronka.
Ikete ryanditswe n’uwurongoye umurwi w’abashingamateka bahurikiye mu murwi w’;abashingamateka bava mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ryasaba ko batanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira bashikirize ivyo baranguye mu buruhuko bw’abashingamateka.

MUGISHA Van Naris
Messages
9 Ruheshi 2017, 15:04, par Benjamin
none Abhor Ik? Ntiyobarek Bakibandanrirza Imirimo?
9 Ruheshi 2017, 17:18, par mupira P
DD barayifyinako kandi bayizi ububisha bwayo. Bazoba bambariranihagira ico bayikorana. Erega ibagiriza ngo ntaco bayifasha muri yamyifato irimwo ubwenge buke biyamiramwo, e mama ngo imyiyerekano yo kwiyamiriza aba na bariya, aho guhangana n’ibibazo bikomeye vy’ubukene ku barundi benshi, amahera y’agaciro atuma ata gitoro cinjira gikwiye, umuyagankuba usigaye umengo ibisagara no mumitumba bwijje hasa hose. None ayo majambo afasha iki muri izo ngorane zose atari uguhuhura imigenderanire n’amakungu yari isanzwe atako yifashe. ubujuju n’ingwara mbi nayo inkoho zo, n’agasho bishirwa imbere kuwuryogoye n’izindi ntwaro mbi zaragiye kandi zari zibifise. Biramaramaje..
10 Ruheshi 2017, 09:26, par Muzogezaryari
Heba mwikure ubureta kumaso yemwe mubone aho igihe kigeze!!!None abobagabo iyobaserutse mu nama nshingamateka ntibitwa AMIZERO?kuki batobareka ngo bashikirize ivyo baranguye nk’abava mu MIZERO nyene?turazi neza ko parlement igizwe n’imigwi2:CNDD-FDD be n’AMIZERO Y’ABARUNDI kandi buri mugwi urashika kukivi, ewe CNDD-FDD reka gukora icatumye uja mwishamba witwaza démocratie kuko ingoma zose z’isi zama zigenda zikuranwe biguma vyoroha iherezo ni rimwe!
12 Ruheshi 2017, 11:06, par DOUGLAS
Mupira uvuze ukuri nk’ukurima. DD imyirekano yamamwo ntaho itaniye n’imigumuko naho NDUWIMANA yagirije abatari bo ngo baragumutse.Jew mbona abagira imigumuko ari aba DD batuka n’abatabumviriza atanaho bazohwanira kuko n’ubutunzi bw’ibihugu vyabo bwisoneye. Ubu bukene nabitwa ngo barafise akazi bafise kubera dévaluation yisubiriza umengo ntaco bubariye DD. Umwami Peter yategerezwa gutora umuti akihagarira aho muri discours à la nation ngo abarundi nibamenyere gutubika uwavubi. Ako s’akamaramaza. Tugeze habi kandi niyo tuja ni habi kuruta ndabarahiye. Abarundi bomenya ko ata mukunzi kumukunzi w’i,nda.