IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abasirikare b’Abarundi bari Centrafrique bagirijwe ugufata abagore ku (...)

Abasirikare b’Abarundi bari Centrafrique bagirijwe ugufata abagore ku nguvu

mardi 6 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abasirikare b’Abarundi bagera kuri 25 mu barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrike bagirijwe ugufata abagore ku nguvu hamwe n’ibikorwa vy’ihohoterwa rishingiye ku gitsina.

Amatohoza ya ONU muri Centrafrike akavuga ko Uburundi bufise uburenganzira bw’ugukora ayandi matohoza kuri abo basirikare bagirizwa, hamwe n’ukubashengeza mu butungane, kuko nk’uko amasezerano y’ukurungika abasirikare kugarukana amahoro abivuga, igihugu carungitse abo basirikare nico gitegerezwa kubahana mu gihe bakoze ivyaha bitandukanye ku butaka bw’ibihugu barungitswemwo.

Stephane Dujarric, umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU amenyesha ko abasirikare bagirijwe ibikorwa vy’ihohoterwa rishingiye ku gitsina ari 41 bose hamwe, bakaba bagizwe n’Abarundi 25 hamwe n’abasirikare 16 bo muri Gabon.

Igisirikare c’Uburundi ntaco kirashikiriza kuri ivyo vyagirijwe ingabo z’Uburundi zarungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrike.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.