IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > BRARUDI yaronkeje udushimwe abatsinze mw’ihiganwa « Pfundurura Utsinde (...)

BRARUDI yaronkeje udushimwe abatsinze mw’ihiganwa « Pfundurura Utsinde »

Thursday 8 November 2018, by vianney

Fleury SEKIYUKU ajejwe ubudandaji muri BRARUDI yamenyesheje ko iryo higanwa ryo gutomboza ryitiriwe Pfundurura Utsinde baritunganije mu ntumbero yo guha agakemanyi abanywanyi b’ikinyobwa « PRIMUS » no kubashimira.

Yongeye avuga ati :«Intambwe ikinyobwa PRIMUS kigezeko tuyikesha abanywanyi n’abakunzi baco , nico gituma twateguye umugambi wo kubashimira na cane cane ko babandanya bifadikanya n’ico kinyobwa.»

Lamine ABASSI, ajejwe kumenyekanisha ibinyobwa vya BRARUDI, yamenyesheje ko baryohewe kubona baronkeje icese udushimwe abakunzi 4 b’ikinyobwa PRIMUS bashoboye gutombora udushimwe dutandukanye .

Guhera mu ndwi iza bagiye kutunganya ihiganwa nk’iryo hagati mu gihugu mu ntara ya Gitega nkuko twabimenyeshejwe na Lamine ABASSI.

Abaronkejwe udushimwe batomboje n’uwitwa Denis CIZA yatomboje amafaranga angana umuriyoni w’amarundi (1 000 000), Vincent BANYANSE yatomboje imiriyoni cumi (10 000 000), Pascal BIZIMANA yatomboje ikinga hamwe na Steve BIBONIMANA yatomboje imiriyoni zitatu (3 000 000) z’amafaranga y’amarundi.
Denis CIZA ari mu baronkejwe agashimwe yamenyesheje ko ashimishwa nuko ishirahamwe BRARUDI itayaga amasigara cicaro kuko yamuronkeje k’umugaragaro ivyo yatomboje kandi ashima kubona kw’icupa rimwe gusa yaguze ashobora kuronka umuriyoni w’amafaranga.

Abaronse amahirwe yo gutsinda bahamagarira abandi bantu gufata ikinyobwa ca PRIMUS kugira bashobore kuronka udushimwe dutandukanye.
Ushobora gutomboza terefone, umupira wanditseko PRIMUS wo kwambara, iradiyo, imitaka, canke ugasanga igicapo c’icupa aho uca uronswa icupa ritoyi rya PRIMUS bita « Akabaju » .

Mu gihe umuntu asanze mu mufuniko handitsemwo ijambo «Gros lot » aca yereka abakozi ba BRARUDI akandikwa kugira azoronswe agashimwe kiwe.
Muvyo ashobora kuronka hakaba harimwo amafaranga kuva ku bihumbi 250 gushika ku miriyoni 10 y’amafaranga y’amarundi, ipikipiki canke ikinga.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.