IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Inama nshingamateka na nkenguzametaka vyaronkejwe imfashanyo na (...)

Inama nshingamateka na nkenguzametaka vyaronkejwe imfashanyo na ABEF

Wednesday 14 November 2018, by vianney

Umukuru wa ABEF Audace BURUKU yamenyesheje ko batanze iyo mfashanyo ku nama nshingamateka na nkenguzamateka kuko izo nkino zigiye gutunganirizwa hano i Burundi zitwara uburyo bwinshi.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka Anicet NIYONGABO yamenyesheje ko ashima intererano bahawe n’ishirahamwe ry’amabanki mu Burundi kuko yazofasha gutegura neza izo nkino zimirije kuko zizokwitabwa n’abantu benshi.

Anicet NIYONGABO asaba abandi bantu gushobora gufasha uburyo murico gikorwa kugira izo nkino bazozitegure neza.

Bitegekanijwe ko inkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka zo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko zizoba kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2018 gushika kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2018 hano i Bujumbura.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Ico gikorwa kirateye igomwe. Abarundi twese twobaza umutima, tukikora kungabirano twagabanye atakiguzi, tukarabira hamwe icodukiza n’icoduteza imbere gusumba, ibibazo vyinshi bihanze igihugu vyotora inyishu.
    Naho bishobora kuba bigoye gusigura, iyo ntererano numutahe. Nuwo muganda nyene Abarundi bose bakwiye gutanga kugira dukore ibituma abanyamitahe baduhurumbira, abaza kuratira ijisho ivyiza Uburundi bufise n’abipfuza kuza gufatira akaruhuko canke kwinezereza mugihugu, abaza gusumira iwacu biyongera, n’ibindi.
    Ndakeje abo bakoze ico gikorwa. Ejo abafise amahoteri nabo bokora uko, abunguruza abantu, abene ubunwero, n’ibindi abatugendera bakenera gusumba bagakurikira, vyoba vyiza cane.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.