IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Abipfuza guhiganirwa ibibabanza vy’ubukomiseri mu murwi CVR basabwa (...)

Abipfuza guhiganirwa ibibabanza vy’ubukomiseri mu murwi CVR basabwa gushikana ibisabwa n’amategeko

Saturday 10 November 2018, by vianney

Mu kiganiro umuvugizi w’inama nshingamateka yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Munyonyo umwaka wa 2018,Alexis Badian NDAYIHIMABAZE avuga ko uwipfuza guhiganirwa ivyo bibanza ategerezwa kuba ari umurundi,akwije n’imiburiburi imyaka 35,kuba ata kimubuza kurangura amabanga y’’igihugu n’aya poritike,kurangura amabanga ajejwe ataho ahengamiye kuvyerekeye imigambwe,kuba atagirizwa guhungubanya agateka ka zina muntu no kurenga ametegeko mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu hamwe no kuba afise inyifato ibereye no kuba ashoboye guharanira ukuri be n’ukunywanisha abarundi.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avuga ko ibisabwa mu kuzuza amadosiye ari ikete ryandikwa n’iminwe rigenewe umukuru w’umurwi washizweho n’inama nshingamateka,urupapuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye,urupapuro rw’umwidondoro,ifotokopi y’ikarata ndangamuntu,urupapuro rw’amavuka,urupapuro rwemeza ko umuntu adakwirikiranwa n’ubutungane,abantu 3 bakuzi neza hamwe n’urupapuro canke impapuro zerekana aho umuntu yaranguriye akazi,n’zindi mpapuro zoshobora kumwongereza amahirwe.

Uyo avugira inama nshingamateka avuga ko iri higanwa ryerekeye n’abakomiseri basanzwe bakiri mu mabanga yabo muruyo murwi nabo basabwa muvyo batanga gushirako ikete ritarenza impapuro zibiri ryerekana ivyo bashoboye kurangura mu kiringo bamaze muruyo murwi.

Bitegekanijwe ko amadosiye yabashaka guhiganirwa ivyo bibanza azotangura gutangwa kuva kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2018 kuva igihe c’isaha imwe n’igice zo mu gitondo gushika igenekerezo rya 16 Munyonyo 2018 isaha cumi nimwe n’igice z’umugoroba.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.