Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 12 November 2018 saa 04:20
21600
0 0

Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe kuruno wa mbere igenekerezo rya 12 Munyonyo umwaka wa 2018 mu ntara ya Bubanza,ikaba yatangujwe n’inkuka y’imisa yabereye kw’ishengero rya Gifurwe ryo muri paruwasi ya Muzinda.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko kwibuka abapfiriye k’urugamba ari ivyerekana urukundo n’ukubabarana babafitiye kandi ari akaryo ko kwihweza aho bavuye,aho bageze naho baja mu bijanye no gutsimbataza intwaro rusangi mu gihugu.

Evariste NDAYISHIMIYE asaba abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda hamwe no kurwanya ubukene mu kwijukira ibikorwa bibateza imbere.

Inyuma y’imisa yatunganijwe mu ntumbero yo kwibuka abapfiriye k’urugamba ,haciye hashirwa ingori z’amashurwe ku ntatemwa z’abarwanyi ziri muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza.

Bitegekanijwe ko ibirori vy’iyo ndwi yahariwe umurwanyi bizosozerwa kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo umwaka wa 2018 muri komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba.


Kumenyekanisha

1
Dumbuli 14-11-2018 à 21:50

None muncire ku mayange ni umurundi warwanaga nundi murundi bapfaga iki ga yemwe? caraheze se? aha hoho hakwigwa ingeno Abarundi bagandaguranye ntibizosubire naho aba barwanyi ndazi ko ari CNDD FDD barwanaga na abarwanyi ba Leta ya UPRONA . none abarwanyi ba FRODEBU, PARPE hutu canke aba Agathon Rwasa baribukwa. yega yemwe yemwe bashinantahe utsinze urugamba ni we ugezweko.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha