Accueil > Amakuru > ingendo > Abasore 12 bari bavuye muri Uganda bafashwe n’igiporisi c’Uburundi
Abasore 12 bari bavuye muri Uganda bafashwe n’igiporisi c’Uburundi
vendredi 1er Nyakanga 2017, par
Nk’uko bishikirizwa n’umwe mu bantu 55 bari mu modoka yariko yunguruza abariko bava mu gihugu ca Uganda binjiye mu Burundi, imodoka barimwo yahagaritswe igeze ku bwinjiriro bw’igisagara ca Bujumbura. Abari muri iyo modoka bategekwa gusohoka, bose berekane ibibaranga.
Abasore cumi na babiri muribo baciye batabwa muri yompi, bagirijwe ko bavuye mu mirwi irwanya Reta y’Uburundi, nk’uko vyemezwa n’uwari muri iyo modoka. Aho ni gihe ku bitabu vy’inzira vyabo vyaboneka ko bari bamaze amezi atari make batari mu Burundi. Insiguro abo basore bagerageje gutanga ko bari bagiye muri Uganda mu ntumbero y’ukurondera ingene boja mu gihugu ca Quatar ntaco zamaze kuko baciye burizwa imodoka y’igiporisi (Pick Up), bajanwa mu kibanza kitaramenyekana. Uwatanze amakuru y’ifatwa ry’abo basore avuga ko imbere y’uko burizwa iyo modoka bakubiswe.
Mu giporisi c’Uburundi ntibemeza ayo makuru y’ifatwa ry’abo basore 12. Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abafashwe atari imisore, ahubwo ko ari abapfasoni bagera kuri bane bari bagiye muvy’urudandazwa rw’abantu mu gihugu ca Oman, baciye mu gihugu ca Uganda.
Egide NDUWIMANA
Messages
4 Nyakanga 2017, 06:51, par Jamari mbuye
Abobamaze kubarya ntabakiriho!
murazi kwingendo ariyo kurya abantu.
2 Ruheshi 2018, 10:20, par xy
noooooooooo!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!