AU Top ritegekanya gufasha abarundikazi kwitaba ibirori vy’umunsi mpuzamakungu wabahariwe

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 7 février 2018 saa 12:55
4770
0 0

Ishirahamwe AU Top risanzwe rikorera mu gisata co kwunguruza abantu n’ibintu, ritegekanya gufasha abakenyezi b’abarundikazi gushika mu gihugu ca Argentine mu gisagara ca Buenos aire, aho isi yose izohimbariza umunsi mukuru wahariwe umukenyezi, uhimbazwa kwitariki 8 ntwarante buri mwaka.Au Top ikaba izofasha abarundikazi mu kubaronderera uruhusha rwo kwinjira ku butaka bw’igihugu ca Argentine (Visa), hamwe n’ukungene bazobaho mu kiringo bazomarayo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Jean Marie NIYONGABO, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Au Top yavuze ko intumbero yo gutunganya ico gikorwa ,ari iyo gufasha umukenyezi kuja hamwe n’abandi, agahabwa akaryo ko kwerekana ko ashoboye, mu gihe isi yose izoba yakoraniye i Bouenos aires ku murwa mukuru wa Argentine.

Jean Marie NIYONGABO avuga ati :« Rizoba ari iteka ku mukenyezi w’umurundikazi ashoboye kuja hamwe n’abandi bakenyezi bo kw’isi yose, bagahanana ubumenyi. Ni akaryo keza ko umurundikazi yerekana ko afise ikibanza kinini kw’isi. »

Uwo muyobozi mukuru amenyesha ko indege izova i Bujumbura izoba irimwo abantu bose, ariko iyizova mu gisagara ca Addis Abeba igana Bouenos Aires izoba irimwo abakenyezi gusa ndetse nabadereva bayo, ibikorwa vyose bikazokorwa n’abakenyezi kugira bahabwe agaciro.

JPEG - 33 ko
Jean Marie NIYONGABO,umukuru w’ishirahamwe AU Top

Muvyo Au Top izofasha, Jean Marie NIYONGABO avuga ko umukenyezi wese akeneye kuja guhimbaza umunsi mukuru w’abakenyezi, asabwa kuba bafise urupapuro rw’inzira Passeport rufise uruhusha rwo gukura kuva ku mezi atandatu kuduga, hamwe no kuba yarishe itike yo gushika i Bouenos Aires.Ibisigaye bikazoba vyatunganijwe na Au Top.
Ikiringo co guheza kwakira abakenyezi bifuza kuzoja i Buenos Aires kikaba kiri kwigenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha