Iryo shirahamwe risanzwe rikorana na Kenya Airways, Emirates Airline, KLM Airline, Bruxelle Airline, RwandAir hamwe na Ethiopian Airways, rigafasha abantu kwiyunguruza kw’isi yose bakoresheje indege.
DS TRAVEL & INSURANCE AGENCY ikorana kandi n’ayandi mashirahamwe yo mu bindi bihugu vyo ku migabane itandukanye, aho twobabwira kw’amashirahamwe yo muri Afrika, Amerika, Aziya, uburaya hamwe na Australie.
Iyo uwushaka gufata urugendo aguriye itike y’indege muri DS TRAVEL & INSURANCE AGENCY, abakozi b’iryo shirahamwe nibo bamumenyesha ikibaye cose, yaba amasaha y’indege ahindutse, canke ikindi kintu cose kijanye n’urwo rugendo.
Muri DS TRAVEL & INSURANCE AGENCY, umunywanyi aguze kenshi itike arahabwa agashirukabute, ni ukuvuga ko uwumaze kugura itike z’indege zirenga cumi muri iryo shirahamwe, agabanirizwa igiciro gushika ku bice bitanu kw’ijana ku zindi tike aguze.
Ishirahamwe DS TRAVEL & AGENCY niryo kandi ryunguruza kuva muhira aja ku kibuga c’indege ku muntu yaguriye itike y’indege muri iryo shirahamwe, canke kuva ku kibuga c’indege aja aho yashikiye, ku muntu yaguze itike y’indege y’ukuza mu Burundi, akayigura abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi.
Nta handi muzosanga uburusho nk’ubwo. Kaze ahakorera DS & TRAVEL AGENCY INSURANCE. Ni muri Immeuble RUCSA PLAZZA, ibiro vya mbere (G1) canke murondere kuri :
Bureau : [email protected]
Facebook : DS Travel Agency
Telephone : +257 22 27 97 68
Mobile : +257 75 500 319
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Francine NIYONSABA yatanze imfashanyo ku barwayi bo mu bitaro Prince Regent Charles
10.03.2018 |
![]() AU Top ritegekanya gufasha abarundikazi kwitaba ibirori vy’umunsi mpuzamakungu wabahariwe
7.02.2018 |
![]() PSR: kubagendera mu gisagara ca Bujumbura bibujijwe kurenza ibirometero 40km/h
29.12.2017 |
![]() Envoyez des colis partout dans le monde avec DS TRAVEL & INSURANCE AGENCY
13.09.2017 |
![]() Abasore 12 bari bavuye muri Uganda bafashwe n’igiporisi c’Uburundi
1er.09.2017 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "ingendo"... |