Francine NIYONSABA yatanze imfashanyo ku barwayi bo mu bitaro Prince Regent Charles

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 10 mars 2018 saa 09:48
19530
0 0

Umunonotsi w’umurundikazi Francine NIYONSABA yaratanze imfashanyo ku barwayi 100 batishoboye bo mu bitaro Prince Regent Charles, inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ntwarante 2018.

Iyo mfashanyo yari igizwe n’ibiro 10 vy’umuceri, ibiro 10 vy’ibiharage, isukari hamwe n’amasabanu, ku murwayi umwe umwe.

Mw’ijambo ryiwe, umunonotsi Francine NIYONSABA yavuze ko yahisemwo kuza gufasha abarwariye mu bitaro Prince Regent Charles, kuko ivyo bitaro vyigeze kwakira neza abanonotsi bagize isanganya, igihe bari baje mu mahiganwa.

Umuyobozi w’ibitaro Prince Regent Charles, Muganga Ines Roseline NDUWIMANA, yavuze ko ari igikorwa ciza gikozwe n’umunonotsi Francine NIYONSABA, kuko mu barwayi, hari abashobora kumara umunsi wose badafunguye.

Yaba umuyobozi w’ibitaro Prince Regent Charles canke abaronse iyo nfashanyo, bose barashimye ico gikorwa c’umunonotsi Francine NIYONSABA, baca basaba ko n’abandi babishoboye bogarukira kuri ba ntaho nikora barwariye muri ivyo bitaro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha