Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Abatowe mu Mizero y’Abarundi bariyamiriza ihagarikwa n’ipfungwa rikorerwa abayoboke b’Urunani
Yanditswe taliki ya 18-01-2018 - isaha 14:07'

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umukuru w’umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi Pierre Celstin NDIKUMANA kur’uyu wa kane igenekerezo rya 18 Nzero 2018, abo bashingamateka bamenyesha ko badashimishwa n’imvugo zimaze iminsi zishikirizwa na bamwe mu barongozi mu ntwaro na poritike aho bifatira mugahanga abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi muri Rusangi, eka mbere n’umukuru warwo, umushingamateka RWASA Agathon.

Muri iryo tangazo, abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bamenyesha ko hageze aho umushingamateka RWASA Agathon asanzwe ari n’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka afatwa nk’umunyamahanga biciye mu mvugo za bamwe, abandi mbere bagashika naho bavuga k’umugaragaro ko atatowe, ivyo navyo bigashobora kwaka akaranga k’inama nshingamateka ko yashinzwe hisunzwe amategeko.

Ku bijanye n’ubwigenge bw’abayoboke b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,abo bashingamateka bamenyesha ko kuva hatangujwe igikorwa co gusigura impinyanyuro ziri mw’ibwirizwa shingiro rishasha, abanywanyi b’urunani barenga 40 bamaze guhagarikwa bagkuba birizwa ibinyoma ko boba bariko bigisha kudatora ibwirizwa shingiro rishasha.

Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bibutsa ko mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro,umunyagihugu wese afise uburenganzira bwo kwemeza canke guhakana iryo bwirizwa, bakavuga ko biteye kubiri n’intwaro rusangi ,mu gihe umuntu yohagarikwa yagirizwa kuba atemeje ibwirizwa shingiro muri Reta yitwa ko ishingiye ku ntwaro rusangi.

Muri iryo tangazo, abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi baragaruka kandi ku nzu y’ubundandarizo yasambuwe mu Kinama, Komine Mubimbi, Intara ya Bujumbura Rural, kubera gusa abayikoreramwo ari abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, bakaba baranse kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi.

Abo bashingamateka bagasaba Reta ko yokora kugira abarundi bose babe mu mahoro, ata bwoba kandi atawukumiriwe, nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro, mu ngingo yaryo ya 17.

Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bavuga ko, mu gihe Uburundi ari igihugu kiri mu ntwaro rusangi, kandi cemera ivyiyumviro vyinshi vya poritike, ataco bifasha g kugirira nabi uwundi kubera uruhande arimwo muvya poritike.

Ivyiyumviro vyanyu

Mbateye intege kuko muzi ico muharanira komera kwibanga.

18.01.2018 à 15:07
Butiyi Ferdinand

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.