Abatowe mu Mizero y’Abarundi berekanye utunenge mu ntererano y’amatora ya 2020

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 janvier 2018 saa 11:27
48195
0 0

Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bandikiye umukuru w’Inama Nshingamateka bamwereka amakenga ku ntererano iriko iratozwa y’amatora yo mu mwaka wa 2020. Mw’ikete banditse kuwa kane igenekerezo rya 4 Nzero 2018, abo bashingamateka bamenyesha ko batemera ihonyangwa k’umugaragaro ry’amategeko, kandi ko badashigikiye ko amafaranga akurwa ku mishahara.

Uko ari 25 bashize umukono kuri iryo kete,bavuga ko itegeko inomero 530/540/17172 ryo kuwa 11 Kigarama 2017, rigenga itunganywa ry’ingene intererano itozwa ritisunga ibwirizwa nshingiro, kandi ridatanga umuco ku kungene ico gikorwa cokorwa, arico gituma badashobora gukora igikorwa co guterera kuko biciye kubiri n’amategeko.

Muri iryo kete,abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bavuga ko ibintu bitanu nyamukuru, arivyo vyerekana ko mu gikorwa co kwegeranya intererano y’amatora ya 2020 harimwo utunenge.

Ku ca mbere kijanye n’uko itegeko nshikiranganji rica kubiri n’ibwirizwa nshingiro, abo bashingamateka basigura ko, iryo tegeko ryateweko umukono n’abashikiranganji babiri rihonyanga ingingo ya 70 y’ibwiriza nshingiro ku gace kayo ka kane ivuga ko Reta ishobora gusaba ko abanyagihugu baterera uburyo bwo gushigikira mu gihe c’ikiza ; bagasigura rero ko amatora atari ikiza nkuko amategeko abivuga.

Abo bashingamateka bamenyesha ko badatahura igituma igikorwa kijanye n’amatora kidatunganywa mu muco , aha bakisunga ko, gushika ubu atawuramenya igitigiri c’amafaranga akenewe kugira amatora azobe ata ntambamyi.

JPEG - 32.3 ko
Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi

Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bavuga ko n’iyo ntererano iriko isabwa abanyagihugu ari ukubananiza no gusubira kubasaba ivyo basanzwe batanga, kuko haheze imyaka ibiri amafaranga y’amatora yo mu mwaka wa 2020 ashirwa mu nteguro y’ayo Reta ikoresha.

Abo bashingamateka basigura kandi ko bisunze ubihe vy’imibano n’ubutunzi igihugu kirimwo, ata kandi kigoro na kamwe abanyagihugu bosohora gukora kajanye no gutanga amafaranga, mu gihe nabo nyene bibagora kubandanya babaho, bivuye k’ubukene bubandanya kwiyongera ibiciro bikabandanya kuduga n’ubuzima bukabandanya kuzimba.

Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bavuga ko itegeko ryateweko umukono n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta ari kumwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ryivuguruza, kuko ryerekana ko guterera amatora bikorwa ku gushaka, ariko kandi rikagaruka rigasaba abari mu mashirahamwe gushikana ivyemeza ko baterereye mu bushikiranganji bw’intwro hagati mu gihugu.

Abo bashingamateka bakibaza nimba hatoba hari icinyegeje inyuma muri ukwo gusaba ko amashirahamwe aterera kandi akongera agashikana ivyemeza ko baterereye mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu.

Abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bamenyesha umukuru w’Inama Nshingamateka ko bisunze amakenga berekanye badashigikiye intererano y’amatora itozwa ku mishahara, kuko basanzwe batanga amakori n’amatagisi nk’abandi banyagihugu bose nk’uko bisabwa n’amategeko.

Guterera amatora bikorwa k’ugushaka kw’umunyagihugu

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa mbere igenekerezo rya 11 Kigarama 2017,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yavuze ko igikorwa co guterera amatora kiraba abarundi bose kandi kizokorwa ku gushaka kw’umunyagihugu

JPEG - 37.1 ko
Pascal BARANDAGIYE,Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yavuze ko guterera amatora atari ikori ry’umutwe canke intererano y’intambara (Effort de guerre).

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko igikorwa co guterera amatora atari irya mbere kiba, kandi ko ari igikorwa gihuye n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, kandi ata gishasha kirimwo mu mugambi wo guterera amatora, ahubwo ari ishirwa mu ngiro ry’ivyo abarundi bisabiye, biciye mu murwi watunganije ibiganiro hagati y’abarundi CNIDH .

Igikorwa co guterera amatora catangujwe n’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 7 Myandagaro Rusama 2017, mw’ibanki Nkuru y’igihugu mu ntara ya Ngozi,abicishije kuri konte nomero 1110-267 yuguruwe mw’ibanki Nkuru y’Igihugu.


Kumenyekanisha

1
amad niyubahwe 30-05-2018 à 07:19

Kubona Umugambwe Umugambwe Waba Dd Utera Ubwoba Abo Muzero yabarundi Kugeraho Umugambwe Wamutama Agato GWasa Havako Umugambwe Utemewe Namategeko Nakambaro Kibara Kuba Dd

2
Nyabnda Egide 24-01-2018 à 22:34

Mubisanzwe guterera igihugu cawe kuneza yaco nivyiza.tumenyere kwitunganiriza ibikorwa ngirakamaro atawe tubanje gutega amashi.

3
Abudl Ntahoruri 21-01-2018 à 15:57

Andika hano Niyombare Yobarihe ?

4
MBANZAMIHIGO Aloys 18-01-2018 à 13:13

Murabatubariza Muti(mbe nibatora mugasanga ntimurimwo ho ntimuzotera akajagari ?)Imana ibahezagire

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha