IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatwa bagiye muri CEPI na CECI basabwa kwerekana ko bashoboye

Abatwa bagiye muri CEPI na CECI basabwa kwerekana ko bashoboye

jeudi 11 janvier 2018

Emmanuel NENGO arongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA avuga ko, kuva umurwi utegura amatora CENI ku rwego rw’igihugu ujaho, batari bwaronke umutwa aja mu murwi utegura amatora ku rwego rw’intara CEPI, ariko ubu muri indwi batanze bararonse umwe mu ntara ya Rumonge.

Umukuru w’ishirahamwe Mpuzabatwa UNIPROBA avuga ko no mu mirwi itegura amatora CECI bashima intambwe bagezeko, kuko mu biharuro bafise, ku barenga 80 batanze ngo babaserukire, bamaze kumenya 13 baronse ibibanza muri iyo mirwi.

Emmanuel NENGO avuga ka kuba baserukiwe mu mirwi itegura amatora ku rwego rwa Komine CECI ,babishima kuko, abayigiyemwo baba bagiye gufashanya n’abandi barundi guterera no gukurikirana ivy’igihugu.

Naho hari ivyo bashima, Emmanuel NENGO arongoye UNIPROBA asigura ko batabona intambamyi yatumye bataronka ababaserukira barenza ico gitigiri, agasigura ko batumva ho uwo mukenyuro wabereye.

« Intambamyi gushika ubu kugira turonke abasumba abo ntituzibona, kuko abatanzwe bari bakwije ibisabwa n’amategeko. Muri 83 twari kuronka nka 20 canke 30. Amashuri n’ivyo bamaze kurangura nivyo twibaza ko ari umutego mukuru. Nayo ahandi ibisabwa nk’amashuri barabafise, bavuze tubahe umwe umwe, niho tutumva aho uwo mukenyuro wabereye. »

Umukuru w’ishirahamwe mpuzabatwa Emmanuel NENGO agahamagarira abatwa bagiye kubaserukira mu murwi CEPI na CECI, kwerekana ko bashoboye ibikorwa no kubika amabanga y’akazi bajejwe.

JPEG - 186.7 ko
Emmanuel NENGO,Umukuru w’ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA

Ati : « Ico tubabwira, nuko baba bagiye abantu benshi bashaka kuraba ko vy’ukuri abatwa bashoboye. Tubabwira ati murerekana ko mushoboye, mwerekane ko mwubahiriza amasaha, mwubaha kandi mwubahiriza abo mukorana, kandi mwigenga ubuntu. »

Mwomenya ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Nzero 2018, ariho imirwi itegura amatora ku rwego rw’intara CEPI yashikiriza mu gihugu cose, abagize imirwi itegura amatora ku rwego rw’amakomine CECI.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.