IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abayoboke babiri ba Rwasa Agathon bungururijwe mw’ibohero rikuru rya (...)

Abayoboke babiri ba Rwasa Agathon bungururijwe mw’ibohero rikuru rya Gitega

jeudi 27 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abayoboke babiri ba Rwasa Agathon bungururijwe mw’ibohero rikuru rya Gitega, abo nabo akaba ari Edouard NZAMBIMANA, umukukuruke w’intwazangabo yo kw’ipete rya Colonel, hamwe na Ladislas SABOKWIGURA. Bompi bagirizwa uguhungabanya umutekano, hamwe n’ukurondera abaja mu mirwi irwana.

Abo bayoboke babiri ba Rwasa Agathon bari barengutse mu butungane kuri uwu wa gatatu, ari naho ingingo y’ukubungururiza mw’ibohero rikuru rya Gitega yafatiwe.

Abanywanyi ba FNL iyoboka umushingamateka Rwasa Agathon mu ntara ya Gitega bamenyesha ko abo bari mu munyororo bariko bahorwa ivyiyumviro vyabo vya poritike, bagasabwa ko borekurwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.