IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abayoboke barenga 60 ba RWASA Agathon nibo bafashwe mu ndwi (...)

Abayoboke barenga 60 ba RWASA Agathon nibo bafashwe mu ndwi imwe

vendredi 31 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abashingamateka bo mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI bamenyesha ko batewe umutima uhagaze n’ihohoterwa, ipfungwa, hamwe n’inyuruzwa bikorerwa abanywanyi b’urwo runani basanzwe bayoboka umushingamateka RWASA Agathon. Mu gihe ivyo bikorwa na bamwe mu bakozi b’igendereza hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD, abo bashingamateka basaba ko abajejwe intwaro bobihagarika.

Abo bashingamateka bavuga ko ako gatotezo gakorerwa abanywanyi ba FNL ya RWASA Agathon kashitse no kuri uwo munyeporitike, aho yagirizwa ikiroberi. Abashingamateka bo mu runani rw’abigenga AMIZERO y’ABARUNDI bibutsa ko igihugu ari ic’Abarundi bose, kandi ko bose bategerezwa kukibanamwo mu mahoro n’ukwubahirizana.

Kubw’abo bashingamateka, biratangaje kubona abayoboke barenga 60 ba RWASA Agathon aribo bafashwe mu minsi idashika cumi, benshi muribo bakaba barementanirizwa ivyaha bitandukanye.

Abo bashingamateka bagarutse kandi kw’iyicwa ry’abayoboke babiri ba RWASA Agathon, aribo NSHIMIRIMANA Amathus hamwe na MINANI Vianney, bompi bo mu Maramvya, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura.

Reta yasabwe ko yokwubahiriza uburenganzira bw’Abarundi bose, urwaruka rwo mu migambwe, cane cane umugambwe uri ku butegetsi, rwasabwe ko rwomenyera kwihanganirana hamwe n’ukubana mu mahoro n’abandi.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu barahakana ko ata gatotezo kariko gakorerwa abanywanyi ba RWASA, bakavuga ko abayoboka uwo asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ari abantu nk’abandi bose, kandi bashobora gukurikiranwa n’ubutungane mu gihe hari icaha bagirizwa.


IGIHE

Messages

  • Bashakahazogerebibirinacuminagatatuatabanwa nyeufisearikoturaharikandindizerakobatazotumarabazotangointaheniyafata ijambobazojugumirabiba zeicatumyebabikorabarimwiboheronibinibihangaimanantishoborakwemerakobagumabarimwiboheromuzovayokubereimana

  • nibintu bisazwe kuko ndazi aba cndd fdd.barenga 76 bafuzwe bazira invo zitandukanye zivyo bakoze.none ko bitavugwa muma radio.harimwo na petit Frere.reka kujuragiza inzego zigihugu mwa bashingamateka mwe.ntategeko murasinya ribuza kudakurikirana abayoboke bimigabwe bakoze ivyaha.none uyu canke uriya ahanwe bicevyitwa ivyimigabwe.abanyu mugiporisi niyobari.harubwoko bwose imigabwe.emwe nimuhende abana banyu.

  • Sangabahora Ivyiyumvirovyabo Nibabareke Bidegemvye Kuko Dusangiye Reta Mugabo Bofise Ikosa Bahanwe Nkabandi

  • Rwasa nave mugacerere arugoborore kuko aho yagiye gukorana na DD kubera amaronko yaraziko batamuhindukirira!!! Mbabazwa nabo ba FNL batagira ikibaserukira kubera izonyaga z’indongozi za FNL!!!

  • REKA MBAZE AGANTHON,KO ABAKURI INYUMA BABAMAZE WEHO NTURYANGO USHIKIRWE UKO URI MUGACERERE UZOBA UBIBONA

  • Rekangire inama uyumutama wacu Agathon Rwasa, nimba ashobora kuntahura canke akanyumvira.
    Murikigihe ntukizere ngumuntu ngonubwo to m wawe cane niwashaka urazokwegera aba cndd FDD bazobikubwira ukuntu babona ba Gervais Ruyfikiri, nabandi bari abakuru bishingamateka , nabandibeshi barimunzego zitandukanye mugihugu abobose babonekana nkabanwanyi bakomeye ba cndd fdd ubonako batokwemera guteza ivyago umugambwe nigihugu cabo , nimbamuvyukuri mutaraganira nabo ba DD urazobabaza bazokubwira.
    Kubwivyorero ntuzopfe kuza urumva abavuga ngonabanwanyi bawe harigihe wozosanga arabaguzwe nabasibawe nigihugu cawe noneho uwukoze ikitaroranye wese agahitamwo gutangaza ngo numunwanyiwawe muntumbero yokugira urwize amajambo yokuvugango abanwanyi bawe barabangamiwe noneho utangure guterana amajambo nabomufatanije kuyobora igihugu.
    Iyindinama nokugira woza urabanza kurindira ariko ugakomeza gukurikirana kugira wumbeko ivyagirizwa abobantu biyitabawe kwarivyo canke atarivyo maze wasanga arivyo ugahaguruka ukavugati umunwanyi wanje ntarangwa nogukora amabi ati uziko wakoze amabi ntubikwiye nokuvuga kurumunwanyi wanje ati kuko jewe sindumukuru wabakora amabi, ati nubwowoba warumunwanyi wanje mugihe abantubanje ntabatuma gukora amabi wewe ubawavuye mubanje kuko uba usanuwagiye muwundimurwi winkozi zibibi.
    Ivyondabikubwiye kubera abazungu na Kagame wabo bakoresha amafranga meshi kugira bashobore guteza gasheshe mubarundi, kandi bafise abahutu nabatutsi bakoresha kandi babarundi nkawe.

  • Nibazako Abo Banywanyi Ba Rwasa Nyamba Atakosa Bagirizwa Ko Borekurwa

  • @remy rwasa numwicanyi mubi , abanyamurenge yiciye mugatumba Bose Bari kumutwe wiwe azogume iyonyene na sebuja nkurunziza
    Rwasa ajye areba bariya bantu bapfiriye hariya harimwo abana bato abatama na batamakazi , agombe rero abizire kuko igihe kirageze kabisa

  • Twumvikane twes turabarundi

  • Ndibazako abantu bari bakwiye gucubwenge kuko aba fnl bariko bazirubusa uwarikubavugira we ari muntebe nziza knd ntiwibagireko afisamata mukanwa knd akaba atoyacira ntamunyepolitique akundumuntu muto nikugira gusa umufashe gushikaho yipfuza mureke guhendwa mubona

  • NTAKUNDI NIBIHANGANE IMANA IRABABONA

  • Ivyabanywanyi ba Agatoni Bafashwe je ni bazako ataribo bonyene .
    Kumbure kubagirizwa ivyaha nuko ubutungane bwokora butaravye ngo ni nabw cwnke bariya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.