IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abayoboke icenda ba RWASA bimuriwe mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi

Abayoboke icenda ba RWASA bimuriwe mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi

mercredi 22 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanywanyi icenda ba FNL ya Agathon RWASA bahora bapfungiwe mu gasho ka komine Ngozi bimuriwe mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi, ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri. Bose uko ari icenda bafashwe ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana.

Abo bayoboka RWASA Agathon icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka bafatiwe mu bunywero, bagirizwa ko bariko bakora inama itemewe n’amategeko, baca bajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine Ngozi.

Mu ndongozi za FNL ya RWASA i Ngozi bamenyesha ko ako ari agatotezo gakorerwa abayoboka RWASA. Bariyamiriza ivyo abo bapfunzwe bagirizwa, bakavuga ko bafashwe mu gihe bariko basangira ibinyobwa mu kabare.

Abo bayoboke bafashwe mu gihe n’umushingamateka RWASA Agathon aheruka kumenyesha ko ubuzima bwiwe bubangamiwe, aho wenyene yemeza ko afise amakuru ko hari umugambi wo kumwica, canke kumurementaniriza ko yatanguje umurwi w’abarwanyi, ibizotuma ibizotuma ubutungane bw’Uburundi busaba ko RWASA Agathon akurwako ubudahangarwa, kugira atabwe mu mvuto.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.