Abayobozi b’amashure basabwe gutanguza ivyigwa ku munsi wa mbere

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 6 Nyakanga 2017 saa 10:40
Yasomwe : 9657
0 0

Umwaka w’ishure w’2017 ushira uw’2018 uzotangura kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Nyakanga 2017, nk’uko vyemezwa na Juma Edouard umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero.

Mu bushikiranganji bw’indero bamenyesha abanyeshure bo mu mwaka w’icenda bakoze ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro hamwe n’abo mu mwaka w’icumi basubiriyemwo ico kibazo, ko bose bagiye kumenyeshwa vuba ibisata babashizemwo, bakabasaba ko bokwubahiriza ivyo bazoba bahawe, ntibarondere guhinduza.

JPEG - 49.9 ko
Juma Edouard, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero

Ubushikiranganji bw’indero busaba kandi abayobozi b’amashure gukora ibishoboka vyose kugira uwo munsi wa mbere ivyigwa bizotangure gutangwa. Abigisha nabo bahamagarirwa kuba bashitse ku mirimo yabo igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu kugira ivyigwa bitangure.

Abanyeshure bo mu ndaro basabwe gushika kw’ishure ku munsi w’Imana igenekerezo rya 10 Nyakanga, bakazotangura kubakira mu ndaro kuva isaha icenda z’umuhingamo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha