Abigisha ntibakiriye neza ingingo y’ukwongerwa amasaha y’akazi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 19 Gitugutu 2017 saa 11:10
Yasomwe :
0 0

Ubushikiranganji bw’amashure buheruka gufata ingingo y’ukwongereza amasaha y’ukwiga mu mashure yisumbuye. Muri Sendika SEPEDUC bavuga ko iyo ngingo itorohereza abanyeshure hamwe n’abarezi.

Muri Sendika y’abigisha SEPEDUC : (Syndicats des Enseignants professionnels) bamenyesha ko abigisha batagishijwe inama imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, bagasaba ko amasaha y’akazi yari azwi atohihinduka abo vyega bose batagiye inama.

Sendika y’abigisha SEPEDUC ivuga ko umunyeshure yavuye muhira isaha imwe z’agatondo, kenshi akaba atafunguye kubera ubukene buri mu miryango, agasubira muhira inyuma y’isaha umunani, bigorana ingene yokurikirana neza ivyigwa. N’umwigisha aba yiriwe arigisha aragera aho aruha ntasubire kwigisha neza, nk’uko bivugwa na Sendika SEPEDUC.

Iyo Sendika isaba abo mu bushikiranganji bw’amashure bokwicarana n’abaserukira abigisha hamwe n’abavyeyi kugira bahurize ku ngingo iteza imbere inyigisho muri rusangi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha