Umuvugizi w’ihuriro ry’abisirmu mu Burundi COMIBU,Kassim JAFFAR amenyeshako umusi mukuru w’intama Aïd El-Adha ari umusi w’umunezero kandi utanga inyigisho kugira umuntu abe umuyoboke abushitse kandi akongera akemera ivyo yiyemeje.
Kassim JAFFAR avuga ko bategerezwa kwisunga inyigisho z’Imana kandi ico biyemeje bategerezwa kugishira mu ngiro.
Uyo avugira COMIBU avuga kandi ko uyo musi mukuru ubigisha gusangira kuko ibitungwa bibazwe bigaburwa mu bice bitatu,igice c’umuryango,ikindi ku babanyi hamwe n’ikindi gice ca gatatu kigenewe abafise amikoro make.
Mw’idini rya Kisiramu bama bahimbaza buri mwaka umusi mukuru w’intama “Aïd El-Adha" mu kwibuka aho Aburahamu yaragiye gutanga umwana wiwe Isaka nk’ikimazi Imana igaca imuha intama mu gishingo c’uyo mwana.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Urunani ASSUR rwatunganije inama rukokoma ihuza amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha
15.11.2018 |
![]() Inama nshingamateka na nkenguzametaka vyaronkejwe imfashanyo na ABEF
14.11.2018 |
![]() Abantu 10 bagize umurwi w’ishirwaho ry’abakomiseri ba CVR bashizweho
14.11.2018 |
![]() Igitabo ngenderwako mu gutanga amakuru cemejwe n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu
13.11.2018 |
![]() Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe
12.11.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Amakuru"... |