Home > Amakuru > Abisiramu bo mu Burundi bahimbaje umusi mukuru w’Intama “Aïd El-Adha"
Abisiramu bo mu Burundi bahimbaje umusi mukuru w’Intama “Aïd El-Adha"
Tuesday 21 August 2018, by
Umuvugizi w’ihuriro ry’abisirmu mu Burundi COMIBU,Kassim JAFFAR amenyeshako umusi mukuru w’intama Aïd El-Adha ari umusi w’umunezero kandi utanga inyigisho kugira umuntu abe umuyoboke abushitse kandi akongera akemera ivyo yiyemeje.
Kassim JAFFAR avuga ko bategerezwa kwisunga inyigisho z’Imana kandi ico biyemeje bategerezwa kugishira mu ngiro.

Uyo avugira COMIBU avuga kandi ko uyo musi mukuru ubigisha gusangira kuko ibitungwa bibazwe bigaburwa mu bice bitatu,igice c’umuryango,ikindi ku babanyi hamwe n’ikindi gice ca gatatu kigenewe abafise amikoro make.
Mw’idini rya Kisiramu bama bahimbaza buri mwaka umusi mukuru w’intama “Aïd El-Adha" mu kwibuka aho Aburahamu yaragiye gutanga umwana wiwe Isaka nk’ikimazi Imana igaca imuha intama mu gishingo c’uyo mwana.


IGIHE