Mw’itangazo umushikiranganji w’umutekano ,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe yasohoye kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Gitugutu 2018 ,CPC Alain Guillaume BUNYONI amenyeshako abarangije amashure yisumbuye uyu mwaka wa 2018 batararonswa impapuro z’umutsindo nabo nyene bashobora kwiyandikisha bakoresheje impapuro zerekana ko bamenye ikibazo ca Reta.
CPC Alain Guillaume BUNYONI yibutsa ko iyandikwa ry’abo bose bipfuza kwinjira mu giporisi c’Uburundi ryatanguye igenekerezo rya 3 Gitugutu rikazorangira igenekerezo rya 14 Gitugutu 2018.
Uyo mushikiranganji avuga ko no ku misi y’akaruhuko bandika.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Urunani ASSUR rwatunganije inama rukokoma ihuza amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha
15.11.2018 |
![]() Inama nshingamateka na nkenguzametaka vyaronkejwe imfashanyo na ABEF
14.11.2018 |
![]() Abantu 10 bagize umurwi w’ishirwaho ry’abakomiseri ba CVR bashizweho
14.11.2018 |
![]() Igitabo ngenderwako mu gutanga amakuru cemejwe n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu
13.11.2018 |
![]() Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe
12.11.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Amakuru"... |