Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agathon RWASA: Reta y’Ubumwe yaratevye kujaho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Agathon RWASA: Reta y’Ubumwe yaratevye kujaho

Agathon RWASA: Reta y’Ubumwe yaratevye kujaho

mercredi 18 Nzero 2017

Umukuru w’umugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Agathon RWASA arashima ko hojaho Reta y’Ubumwe mu Burundi.

Kubwa Agathon RWASA,kuba hageze ubu iyo Reta y’Ubumwe itarajaho avuga ko yatevye, kuko Reta y’Ubumwe yoshingwa mu Burundi ariyo yoca yigirwamwo ibibazo vyose biri mu gihugu.

RWASA Agathon akamenyesha ko iyo Reta y’Ubumwe yoca yiga ingene amatora yo mu mwaka wa 2020 yotegurwa,gutahukana impunzi zahunze igihugu,n’irekurwa ry’abapfungiwe ivya politike.

Ivyo Agathon RWASA yabishikirije inyuma y’umubonano wahuje abanyepolitike n’umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa,kw’igenekerezo rya 16 na 17 Nzero 2017,i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.


IGIHE

Messages

  • Mutama Rwasa nukuri nawewe vyakuyobeyepe! none iyoreta urimwo uyiha irihe zina? reta yubumwe niyonyene urimwo kuko amoko yose araserukiwe intara zose ziraserukiwe none gamutama ivyonavyo wadukanye nibiki? nihobavuzeko inkware itora murugo agatima kari mwishamba!! ahubwo nyabuna bahamagarire kuzagutegure amatora yomu 2020 ibindi ubireke kuko ukwo nukuvuruga imitwe yabantu, ubu abarundi baratekanye ntibakeneye uwosubira kubavuruga.....

  • Pole sana rwasa vyakunaniye ,jewe narinziko urumushingantahe ntavyawe nimyaka wamaze mupori? Erega ntacizere tungufitiye kuko haba cote y,uburundi canke kumuhuza mukampa uri mukwaha kwiwe . Ex mbega hobaye cout d,etat ugashima hama munyuma ukaja muri ensemble? Ntabwungamo ugifise basi.

  • None uduhera twacu dutanga kumatagisi kugira ahembwe nkumushingamateka umwe mugihugu cacu yemewe bwabundi aremera akayakira kandi ari umushingamateka adakwije!?
    Wewe wova muntwaro yitorewe nabenegihugu ugasubira inyuma muntwaro zimfatakibanza!?
    Bwabundi turafise abantu mugihugu bataranenya icotwita Democratie.
    Wewe wobona abarwanya Democratie ukacawenera ngo ndajanye namwe ivya Democratie ndabivuyemwo!?

  • MUTAMA,KOMERAKUMUHETO, IVYO NUKURI, LETA, IRIMWOBOSI NIYOSOKO Y’AMAHORO IMYIDOGO YABA NA BARIYA IGAHERA. KUGIRA UMUTI WAMATATI UTOGWE BOSI BASERUKIWE MUNZEGO Z’IGIHUGU. UKO KUTIZERANA BIHAVE. ABATOBA ,NA BAVUGANABI INZEGO BIHAVE.

  • uyo rwasa jewe nibaze yuko yoba adakwije neza kweli urumva umutwe wiwe ntanadukeyi turimwo twubwenge

  • Wewe wiyita MURUNDI YUZUYE niwewe atabwenge ugira, kuko nomukuvuka watanguje amaguru mugishingo cumutwe., Rwasa nawe aragumba kurya inka isumbimpene.

  • Mbe nta kibahe Agato, reta yubumwe yoba ariyahe kandi nawe Uri muri reta

  • nukur turashima ukuru wumugabwe nyakubahwa agathon rwasa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.