Accueil > Amakuru > Poritike > Agathon RWASA: Reta y’Ubumwe yaratevye kujaho
Agathon RWASA: Reta y’Ubumwe yaratevye kujaho
mercredi 18 Nzero 2017
Umukuru w’umugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Agathon RWASA arashima ko hojaho Reta y’Ubumwe mu Burundi.
Kubwa Agathon RWASA,kuba hageze ubu iyo Reta y’Ubumwe itarajaho avuga ko yatevye, kuko Reta y’Ubumwe yoshingwa mu Burundi ariyo yoca yigirwamwo ibibazo vyose biri mu gihugu.
RWASA Agathon akamenyesha ko iyo Reta y’Ubumwe yoca yiga ingene amatora yo mu mwaka wa 2020 yotegurwa,gutahukana impunzi zahunze igihugu,n’irekurwa ry’abapfungiwe ivya politike.
Ivyo Agathon RWASA yabishikirije inyuma y’umubonano wahuje abanyepolitike n’umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa,kw’igenekerezo rya 16 na 17 Nzero 2017,i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.
IGIHE
Messages
18 Nzero 2017, 08:52, par kamaro
Mutama Rwasa nukuri nawewe vyakuyobeyepe! none iyoreta urimwo uyiha irihe zina? reta yubumwe niyonyene urimwo kuko amoko yose araserukiwe intara zose ziraserukiwe none gamutama ivyonavyo wadukanye nibiki? nihobavuzeko inkware itora murugo agatima kari mwishamba!! ahubwo nyabuna bahamagarire kuzagutegure amatora yomu 2020 ibindi ubireke kuko ukwo nukuvuruga imitwe yabantu, ubu abarundi baratekanye ntibakeneye uwosubira kubavuruga.....
18 Nzero 2017, 09:37, par david
Pole sana rwasa vyakunaniye ,jewe narinziko urumushingantahe ntavyawe nimyaka wamaze mupori? Erega ntacizere tungufitiye kuko haba cote y,uburundi canke kumuhuza mukampa uri mukwaha kwiwe . Ex mbega hobaye cout d,etat ugashima hama munyuma ukaja muri ensemble? Ntabwungamo ugifise basi.
18 Nzero 2017, 17:31, par Iragiryagahuturemy
None uduhera twacu dutanga kumatagisi kugira ahembwe nkumushingamateka umwe mugihugu cacu yemewe bwabundi aremera akayakira kandi ari umushingamateka adakwije!?
Wewe wova muntwaro yitorewe nabenegihugu ugasubira inyuma muntwaro zimfatakibanza!?
Bwabundi turafise abantu mugihugu bataranenya icotwita Democratie.
Wewe wobona abarwanya Democratie ukacawenera ngo ndajanye namwe ivya Democratie ndabivuyemwo!?
18 Nzero 2017, 21:40, par NDAYIHIMBAZE CLAUDE
MUTAMA,KOMERAKUMUHETO, IVYO NUKURI, LETA, IRIMWOBOSI NIYOSOKO Y’AMAHORO IMYIDOGO YABA NA BARIYA IGAHERA. KUGIRA UMUTI WAMATATI UTOGWE BOSI BASERUKIWE MUNZEGO Z’IGIHUGU. UKO KUTIZERANA BIHAVE. ABATOBA ,NA BAVUGANABI INZEGO BIHAVE.
19 Nzero 2017, 06:25, par MURUNDI YUZUYE
uyo rwasa jewe nibaze yuko yoba adakwije neza kweli urumva umutwe wiwe ntanadukeyi turimwo twubwenge
23 Nzero 2017, 07:07, par Nzeyimana
Wewe wiyita MURUNDI YUZUYE niwewe atabwenge ugira, kuko nomukuvuka watanguje amaguru mugishingo cumutwe., Rwasa nawe aragumba kurya inka isumbimpene.
25 Nzero 2017, 10:06, par Samuel
Mbe nta kibahe Agato, reta yubumwe yoba ariyahe kandi nawe Uri muri reta
15 Myandagaro 2018, 20:45, par niyongabo gerard
nukur turashima ukuru wumugabwe nyakubahwa agathon rwasa