Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Aime MAGERA :’’ Umuhuza Benjamin Mkapa ariko aratahura ikibazo c’Uburundi’’
Yanditswe taliki ya 13-02-2017 - isaha 07:51' na IGIHE

Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko ata mvo yotuma uwatumiwe mu biganiro atavyitaba, kuko biboneka ko umuhuza Benjamin Mkapa ariko aratahura ikibazo c’Uburundi .

Aime MAGERA amenyesha ko yisunze abarungikiwe ubutumire bwo kuja mu biganiro bitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma 2017,i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya,ubwo butumire bwumvikana kandi bwatanzwe neza.

Uwo avugira umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA avuga ko ari intambwe nziza,kandi ko impande zose zatumiwe bigatuma babishatse inyuma y’iminsi itatu y’ibiganiro botaha batahanye amasezerano mu Burundi.

Kubwa Aime MAGERA, ibizokwihwezwa mu biganiro ni ibibazo nyezina, akavuga ko uwutazokwitaba ibiganiro yoba ashaka kuguma ashira igihugu c’Uburundi mu kaga.

Ivyiyumviro vyanyu

none rwasa kumega baramwinuba nikubera ik

14.02.2017 à 22:34
erie

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.