Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aime MAGERA aratabariza abarundi mu mashirahamwe mpuzamakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Aime MAGERA aratabariza abarundi mu mashirahamwe mpuzamakungu

Aime MAGERA aratabariza abarundi mu mashirahamwe mpuzamakungu

vendredi 16 Ruheshi 2017

Mw’itangazo Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA yashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2017,amenyesha ko aho ibintu bigeze bitakiri ivyo kwihanganira,afatiye ku banywanyi b’umugambwe bamaze iminsi bafatwa n’ubutegetsi ku mutumba wa Bwoga muri Komine n’intara ya Gitega.

Muri iryo tangazo,umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA aragaruka ku banywanyi batanu bahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe gusa.

Abo nabo ni : NZAMBIMANA Edouard batazira Koca,NDUWARUGIRA Jean Paul,MANIRAMBONA Maurice.NDUWAYEZU Alain batazira Reine, na NKUNZIMANA Ildephonse batazira Kades.

Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA akagabisha abo bose bahohotera abanyagihugu ko bitebe bitebuke bazokwishura ivyo bakoze imbere y’ubutungane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.