Accueil > Amakuru > Poritike > Aime MAGERA aratabariza abarundi mu mashirahamwe mpuzamakungu
Aime MAGERA aratabariza abarundi mu mashirahamwe mpuzamakungu
vendredi 16 Ruheshi 2017
Mw’itangazo Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA yashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2017,amenyesha ko aho ibintu bigeze bitakiri ivyo kwihanganira,afatiye ku banywanyi b’umugambwe bamaze iminsi bafatwa n’ubutegetsi ku mutumba wa Bwoga muri Komine n’intara ya Gitega.
Muri iryo tangazo,umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA aragaruka ku banywanyi batanu bahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe gusa.
Abo nabo ni : NZAMBIMANA Edouard batazira Koca,NDUWARUGIRA Jean Paul,MANIRAMBONA Maurice.NDUWAYEZU Alain batazira Reine, na NKUNZIMANA Ildephonse batazira Kades.
Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA akagabisha abo bose bahohotera abanyagihugu ko bitebe bitebuke bazokwishura ivyo bakoze imbere y’ubutungane.
MUGISHA Van Naris