IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akarere k’ibiyaga binini karahagurukiye amabi akorerwa abagore

Akarere k’ibiyaga binini karahagurukiye amabi akorerwa abagore

mardi 27 Munyonyo 2012

I bujumbura hakoraniye inama mpuzamakungu igira kabiri yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Uruhara rw’inzego z’umutekano nirwo nshimikiro mu kiringo c’imisi ibiri iyo nama izomara.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ayuguruye iyo nama yahamagariye abantu kwirinda gufata abakenyezi ku nguvu, kubahohotera, kubanyaga ivyabo, kubaturubika mu ngo canke kukazi hamwe no gukora ayandi mabi yose yerekeye ihohoterwa rifatiye ku gitsina. Yasavye kandi ko hagize umupolisi bibonetse ko yagirwa nayo mabi ko yohanwa ata kigongwe canke nkunzi.

Umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama nawe yavuze ko igipolisi kigiye gukora ibishoboka vyose mu kurwanaya mabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Kubera bimaze kwibonekeza ko hariho abapolisi bakora ivyo vyaha kandi bari bajejwe kubihana, Gabriel Nizigama yemeje ko ata gukingira ikibaba abapolisi bizosubira kubamwo.
Kubwa Gloriose Nyakuza ajejwe ivyo gutanga inyigisho mu kigo SERUKA gikingira amabi akorerwa abakenyezi n’abakobwa ,amabi akorerwa mu ngo z’abubakanye ni menshi mu Burundi.

Nyakuza Gloriose abandanya avuga ko ikigo SERUKA cakira abakenyezi benshi bahuye n’amabi afatiye ku gitsina. Ngo abashikiwe nayo mabi bubahuka kubitura ni barya mu ngo zabo baba basanzwe batabanye neza, bafise ico bapfa kiboneka canke iyo imiryango eka n’ababanyi bamaze kubimenya. Abandi nabo ngo baratinya.
Hari igihe mbere benshi muri abo babitura baba batakibana hanyuma umwe akarenga ku masezerano nkuko umupfasoni Nyakuza abandanya abivuga.
Uretse ikigo SERUKA, mu Burundi hari ibindi bigo vyinshi vyakira abagiriwe amabi afatiye ku gitsina.

Ariko rero, abakubagurwa mu ngo bubatse barabereka ukuntu boshika ku baganga eka mbere baranabereka uko bokwifata. Kubijanye no gushikira abaganga, ngo barahura n’ingorane zitari nke. Nk’akarorero iyo umukenyezi afise umugabo batizeranye canke uwo mugabo agahatira umukenyezi wiwe gukora amabanga y’abubatse.
Ayo mabi rero ngo arahungabanya agateka k’umukenyezi. Ku bashikiwe n’amabi nkayo, abasaba kuvuga ico kibi hanyuma bakitura ubutungane.Akaba asaba kandi abantu bose ata numwe avuyemwo gusubira ku mico n’imigenzo ya kera yubahiriza igitsina gore. Asaba kandi ko ubutungane bwokora uwagiriwe n’ico caha agahanwa hisunzwe amategeko.

Iyi nama iriko ibera i bujumbura ije ikurikira iyindi yaheruka kubera i Kigali mu Rwanda.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.