Accueil > Amakuru > Poritike > Alexis SINDUHIJE : "Reta y’Uburundi iratinya umugambwe MSD"
Alexis SINDUHIJE : "Reta y’Uburundi iratinya umugambwe MSD"
mardi 18 Mukakaro 2017
Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abafaransa RFI inyuma y’urupapuro rw’inzira umugambwe MSD washize ahabona rwofasha gutorera inyishu ibibazo vy’Uburundi, Alexis SINDUHIJE yamenyesheje ko barusohoye kugira berekane ko uko Reta ibafata ko ari intagondwa atarivyo, ariko ko bashaka ko ikibazo c’Uburundi gitora inyishu biciye mu mahoro.
Ku kibazo co kumenya namba ibiganiro vyoba mu mahoro mu gihe umugambwe MSD ufatwa nk’umwansi wa mbere w’Uburundi utoba wavyitavye, Alexis SINDUHIJE avuga ko yibaza ko ata biganiro vyoshoboka umugambwe MSD utarimwo.
Yavuze ati : «Sinibaza ko hoba ibiganiro umugambwe MSD utarimwo. Jewe nserukira umugambwe MSD, ariko igihe bonsaba kuba nk’uwutaboneka ku neza ya bose, nta tandukaniro ryohaba. Reta iratinya umugambwe MSD.»
Muri ico kiganiro Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD yemeye ko asa n’uwatakaje ubushobozi, afatiye ku banywanyi b’umugambwe MSD bashika 3000 bamaze kwicwa, abandi bagapfungwa, kandi ataco ashoboye gukora kugira abakize.
- Alexis SINDUHIJE,umukuru w’umugambwe MSD
Ku bijanye n’ikiringo c’intwaro mfatakibanza, Alexis SINDUHIJE amenyesha ko atari ngombwa ngo gitwarwe n’umunyaporitike, ariko ko bobo bashigikiye ko ikiringo c’imfatakibanza cotwarwa n’umuntu atari muri poritike.
Ku kibazo co kumenya nomba yoba afise ivyo bahurirako n’abashinze imirwi irwanya Reta ikoresheje ibirwanisho, Alexis SINDUHIJE yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko afise abagenzi muribo ariko ataco bahuriyeko haba mu bijanye n’uburyo canke gutanga amategeko, avuga gusa ko yubaha inzira bahisemwo, kuko aribwo buryo bwabo. Alexis SINDUHIJE yasiguye ko Amerika yamufatiye ibihano kubera ico gihugu cashatse ko haboneka umututsi ku rutonde rw’abari bafatiwe ibihano.
Umugambwe MSD uri mu bihano vy’amezi atandatu udakora, n’inyubakwa z’aho uwo mugambwe ukorera mu gihugu cose zugawe.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasiguye ko uwo mugambwe ufatiwe ivyo bihano kubera umukuru wawo, Alexis SINDUHIJE yavugiye ku mugaragaro ko agiye gutanguza umurwi witwaje ibirwanisho urwanya Reta y’Uburundi.
Abanywanyi b’uwo mugambwe nabo bagirijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko babandanya kwerekana ingendo y’urwanko hamwe n’ubugizi bwa nabi.
MUGISHA Van Naris
Messages
18 Mukakaro 2017, 16:39, par BANZUBAZE
NTABESHE YARIHEBUYE KOKO NINYAMBARO YAMBAYE SIYUMUNYA POLITIKE!!
20 Mukakaro 2017, 09:59, par Clovis
uwo Mugabo Siwe Ubukene Buramurembeje Nagashati Kamuhereyek Nasabikigogwe Abarundi Yahemukiy Bazokimugirira
29 Mukakaro 2017, 16:11, par Bitahikamye Alex
sinduhije Napfe Neza Yatay ’ Igihugu Ngwaye Gutembera Muri Afric No Muburaya Ngwa Sigure Ingorane Z ’uburundi None Kugezubu Ntaraheza Gusigura Izo Ngorane Atanguye Kwirondeza Ivyo Yirondeza Nabatutsi Bazogukwiriki Tuzoba Turi Ibijuju Umanika Agatu Wicaye Mukukamanura Ugahaguruka Wagitaye Ukibona Mukukigarukamwo Uzokovya .
13 Rusama 2018, 19:26, par Niragira Jérôme
None Muriyonama Bajohakura Ik?