Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alexis SINDUHIJE : "Reta y’Uburundi iratinya umugambwe MSD" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Alexis SINDUHIJE : "Reta y’Uburundi iratinya umugambwe MSD"

Alexis SINDUHIJE : "Reta y’Uburundi iratinya umugambwe MSD"

mardi 18 Mukakaro 2017

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abafaransa RFI inyuma y’urupapuro rw’inzira umugambwe MSD washize ahabona rwofasha gutorera inyishu ibibazo vy’Uburundi, Alexis SINDUHIJE yamenyesheje ko barusohoye kugira berekane ko uko Reta ibafata ko ari intagondwa atarivyo, ariko ko bashaka ko ikibazo c’Uburundi gitora inyishu biciye mu mahoro.

Ku kibazo co kumenya namba ibiganiro vyoba mu mahoro mu gihe umugambwe MSD ufatwa nk’umwansi wa mbere w’Uburundi utoba wavyitavye, Alexis SINDUHIJE avuga ko yibaza ko ata biganiro vyoshoboka umugambwe MSD utarimwo.

Yavuze ati : «Sinibaza ko hoba ibiganiro umugambwe MSD utarimwo. Jewe nserukira umugambwe MSD, ariko igihe bonsaba kuba nk’uwutaboneka ku neza ya bose, nta tandukaniro ryohaba. Reta iratinya umugambwe MSD

Muri ico kiganiro Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD yemeye ko asa n’uwatakaje ubushobozi, afatiye ku banywanyi b’umugambwe MSD bashika 3000 bamaze kwicwa, abandi bagapfungwa, kandi ataco ashoboye gukora kugira abakize.

JPEG - 23.2 ko
Alexis SINDUHIJE,umukuru w’umugambwe MSD

Ku bijanye n’ikiringo c’intwaro mfatakibanza, Alexis SINDUHIJE amenyesha ko atari ngombwa ngo gitwarwe n’umunyaporitike, ariko ko bobo bashigikiye ko ikiringo c’imfatakibanza cotwarwa n’umuntu atari muri poritike.

Ku kibazo co kumenya nomba yoba afise ivyo bahurirako n’abashinze imirwi irwanya Reta ikoresheje ibirwanisho, Alexis SINDUHIJE yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko afise abagenzi muribo ariko ataco bahuriyeko haba mu bijanye n’uburyo canke gutanga amategeko, avuga gusa ko yubaha inzira bahisemwo, kuko aribwo buryo bwabo. Alexis SINDUHIJE yasiguye ko Amerika yamufatiye ibihano kubera ico gihugu cashatse ko haboneka umututsi ku rutonde rw’abari bafatiwe ibihano.

Umugambwe MSD uri mu bihano vy’amezi atandatu udakora, n’inyubakwa z’aho uwo mugambwe ukorera mu gihugu cose zugawe.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasiguye ko uwo mugambwe ufatiwe ivyo bihano kubera umukuru wawo, Alexis SINDUHIJE yavugiye ku mugaragaro ko agiye gutanguza umurwi witwaje ibirwanisho urwanya Reta y’Uburundi.

Abanywanyi b’uwo mugambwe nabo bagirijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko babandanya kwerekana ingendo y’urwanko hamwe n’ubugizi bwa nabi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.