Alexis SINDUHIJE yashize ahabona ivyotuma amahoro aboneka mu Burundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 Mukakaro 2017 saa 12:51
Yasomwe : 31446
0 0

Umukuru w’umugambwe MSD Alexis SINDUHIJE amenyesha ko mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi, hoba ibiganiro bihuza abarundi kandi bidakumira, vyokwisunga itunganywa ry’amatora ateguwe mu muco kandi yitabwe na bose.

Mu rupapuro rw’inzira umukuru w’umugambwe MSD yashize ahabona rwofasha Uburundi kuronka amahoro, amenyesha ko ibiganiro vyotunganywa vyofasha gutorera umuti ikibazo c’impunzi zahunze igihugu, amaradiyo yigenga agasubira gukora kugira abantu bose baronke aho bavugira.

Umukuru w’umugambwe MSD avuga kandi ko mu gihe hoba hakiri abapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo vya poritike bigoye gushimangira ko amahoro ashoboka mu Burundi, akavuga abicishije muri urwo rupapuro rw’inzira ko ibiganiro vyokwisunga kandi irekurwa ry’abapfungiwe ivya poritike.

Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD avuga ko inyuma y’ingendo yakoze asigura ibiri muri urwo rwandiko rwerekana icofasha Uburundi kuva mu ndyane za poritike, aho yaciye barushimye.


Kumenyekanisha

1
Ntakiyiruta Berchmans 16-07-2017 à 11:57

sinduhije,nturuhije Nivyo ni bakureke,uvuga vyo kweli.Kuko intwaro ntifatiye kumuntu.Demokarasi Nyayo n’iyoza yuzuriza twese itaravye ko nd’umugumyabanga canke umudasigana canke ...

2
Ntakiyiruta Berchmans 16-07-2017 à 11:50
3
Frank Buja 5-07-2017 à 14:41

terwa Ivyatsi Ingata Iravoma Wamugesera We Ngo Ibiganiro? Aho Mwaturirabantu Mwashaka Ibiganiro? Genda Ube Urinwera Cocaine Nababiligi Ibindi Cira Birarura!!

4
Niyonkuru Georges 4-07-2017 à 15:38
5
Niyonkuru Georges 4-07-2017 à 15:38
6
amiri 4-07-2017 à 14:21

ko yigera hejuru no hasi ngo mpaka hakoreshejwe inguvu ubuho yemeye ibiganiro bigenze gute canke ashaka guha amaso reta yongere yinjire na yamarasdiyo yiwe asubire yipange! aahhaaa vyarabananiye nibaze intahe ikore abagigwa nicaha bahanwe hisunzwe amategeko bareke uruyeri ubu ntawudakanura.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha