IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amakungu yibutswa ko umwitwarariko wa mbere ari ugukingira agateka ka zina (...)

Amakungu yibutswa ko umwitwarariko wa mbere ari ugukingira agateka ka zina muntu

lundi 18 Nyakanga 2017

Mw’itangazo ryashikirijwe n’abakenyezi bo mu mugambwe MSD kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Nyakanga 2017, inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abarundi 38 mu gisagara ca Kamanyola mu gihugu ca Republika Iharanira Intwar Rusangi ya Kongo,abo bakenyezi bamenyesha ko ivyabaye bigoye gutahura kandi ata murundi yobura ico abivugako.

Muri iryo tangazo, abo bakenyezi bo mu mugambwe MSD bamenyesha ko ubwicanyi bw’impunzi ari icaha gikomeye gisinzikaza agateka ka zina muntu.

Abo bakenyezi bavuga ko ivyabaye ku barundi kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga 2015 bitegerezwa kuvugwa kandi bigahanwa.

Abakenyezi bahurikiye mu mugambwe MSD barashimira umurwi wa ONU ujejwe amatohoza, bagasaba kandi abarundi kuguma bafatanye mu nda.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.