Accueil > Amakuru > Poritike > Amakungu yibutswa ko umwitwarariko wa mbere ari ugukingira agateka ka zina (...)
Amakungu yibutswa ko umwitwarariko wa mbere ari ugukingira agateka ka zina muntu
lundi 18 Nyakanga 2017
Mw’itangazo ryashikirijwe n’abakenyezi bo mu mugambwe MSD kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Nyakanga 2017, inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abarundi 38 mu gisagara ca Kamanyola mu gihugu ca Republika Iharanira Intwar Rusangi ya Kongo,abo bakenyezi bamenyesha ko ivyabaye bigoye gutahura kandi ata murundi yobura ico abivugako.
Muri iryo tangazo, abo bakenyezi bo mu mugambwe MSD bamenyesha ko ubwicanyi bw’impunzi ari icaha gikomeye gisinzikaza agateka ka zina muntu.
Abo bakenyezi bavuga ko ivyabaye ku barundi kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga 2015 bitegerezwa kuvugwa kandi bigahanwa.
Abakenyezi bahurikiye mu mugambwe MSD barashimira umurwi wa ONU ujejwe amatohoza, bagasaba kandi abarundi kuguma bafatanye mu nda.
MUGISHA Van Naris
Messages
22 Nyakanga 2017, 05:04, par Ntahondi fabiyano
Nimukomere bavyeyi atari vya bitabanga ngo nabakenyerera rugamba, birirwa batambira kumivyimba ya benuburundi ya tikijwe nabagabo babo.