Ingingo zibuza ubusuma bw’ikibazo c’umwaka w’9 n’uw’10 zafashwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 14 juin 2017 saa 01:46
Yasomwe : 5193
0 0

Mu gisata co mu bushikiranganji bw’indero kijejwe ibibazo bikorwa mu Burundi bamenyesha ko hari ingingo zitandukanye zafashwe, kugira ubwo bushikiranganji burwanye ubusuma bwokwibonekeza mw’ikorwa ry’ikibazo co mu mwaka w’icenda n’uw’icumi cimirije.

Zimwe muri izo ngingo zafashwe, n’uko ibibazo bizokorwa bizoshikanwa aho bikorerwa n’abajejwe intwaro mu makomine yose bizokorerwamwo. Abigisha bazocungera ikorwa ry’ivyo bibazo bakazoba ari abavuye mu yandi mashure. Ni ukuvuga ko ata mwigisha azoba arekuriwe gucungera ikibazo kw’ishure asanzwe yigishako, hamwe n’abana yigisha.

Patrice Manengeri, umuyobozi w’igisata kijejwe ibibazo bikorwa (Bureau des évaluations) aragabisha abigisha bazofatwa bagize uruhara mu busuma bw’ibibazo, ko ibihano bikomeye vyategekanijwe, harimwo n’ukwirukanwa mu kazi.

Izo ngingo zifashwe inyuma y’aho abatari bake berekaniye amakenga bafise ko hari abayobozi b’amashure canke abigisha bashobora kwikika mu kiza, bakibira ibibazo abanyeshure babo kubera ingingo umushikiranganji w’amashure y’intango n’ayisumbuye aheruka gufata. Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko abayobozi b’amashuri adashikana ibice 30 kw’ijana mu kibazo ca Reta bazoca bakurwa mu kazi.

Umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, hamwe n’ayisumbuye aheruka kumenyesha ko ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishuri nshingiro kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 20 gushika kurya 22 Ruheshi 2017.

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko abanyeshuri 144795 bari mu mice itatu aribo bazokora ico kibazo, kandi mu muce wose bazokora ivyo bize.

Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko abananiwe mu myaka iheze biga mu myaka ya 10 n’umwaka w’9, ababishaka bazosubiramwo ikibazo. Abananiwe mu mwaka w’10 bazokora kuvyo bize mu mwaka w’10 imbere y’uko bayoberwa.

Tubamenyeshe ko abazosubiramwo ikibazo bahora biga mu mwaka w’9 ari 17475, abahora biga mu mwaka w’10 nabo bakaba ari 11327.


Kumenyekanisha

1
NZABAMPEMA 14-06-2017 à 14:38

Enseignement igeze habi mu Burundi vraiment ! Abize barize nayo ubu n’akajagari gusa !

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha