IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amashuri yigenga agiye kurongorwa n’abayobozi bajejwe ayo mabanga (...)

Amashuri yigenga agiye kurongorwa n’abayobozi bajejwe ayo mabanga gusa

mardi 26 Nyakanga 2017

Mw’ikete ry’ubushikiranganji ryo kuwa 15 Nyakanga 2017 yandikiye abaserukira imbere y’amategeko amashuri y’abigenga,umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko bimaze kwibonekeza mu mashuri menshi y’abigenga abayobozi b’amashuri,abayobozi b’ivyigwa canke b’ubuhinga ku mashuri y’abigenga baba basanzwe ari abakozi ba Reta.

Muri iryo kete Janviere NDIRAHISHA,umushikiranganji w’indero, inyigisho z’amashuri mato mato ayisumbuye na kaminuza avuga kuba abayobozi bafise ubundi buzi bituma badakurikirana ko ivyigwa bitangwa neza n’indero y’abanyeshuri, bigatuma abanyeshuri bigenza nabi n’amanota akaba mabi.

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA asaba ko abayobozi b’amashuri, abayobozi b’ivyigwa n’ab’ubuhinga badafise umwanya ukwiye wo gukora imirimo yab basubirizwa mu maguru masha.

Iyo ngingo isohotse mu gihe hari izindi ngingo zafashwe n’umushikiranganji ku banyeshuri biga mu mashuri y’abigenga, aho yamenyesheje ko abanyeshuri bose bategerezwa kuba bafise imishatsi isanzwe n’izindi ngingo zijanye n’imyambaro yishuri, zituma abanyeshuri bose baba abiga mu mashuri yigenga canke aya Reta baba bameze kumwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.