Arusha : Gushika ku munsi wa gatanu abitavye ibiganiro ntibari bwahurire hamwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 2 décembre 2017 saa 11:16
Yasomwe : 19368
0 0

Gushika kur’uyu wa 1 Kigarama 2017,umunsi wa gatanu w’ibiganiro biriko bibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, impande zose zitavye ibiganiro ntizirashobora guhurira hamwe kugira ziganire ku bibazo umunani vyoganirwako vyashikirijwe n’umuhuza.

Amakuru ava aho i Arusha ahariko habera ibiganiro amenyesha ko mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu abaserukiye Reta, abari mu migambwe yegereye ubutegetsi,imigambwe itavuga rumwe na Reta n’abandi bitavye ibiganiro,umurwi wose wari ufise igikorwa co gushikiriza uko ubona ibibazo umunani umuhuza yashikirije.

Ayo makuru nyene amenyesha ko igica gikurikira ari imibonano ku murwi umwe umwe ukwawo, na cane cane imirwi ibiri ya poritike ariyo Reta hamwe n’abatavuga rumwe nayo.

Abitavye ivyo biganiro biriko bibera mw’ihoteri Ngurdoto, mu gisagara ca Arusha bavuga ko bizeye koguhurira hamwe bica bitangura vuba.

Ibiganiro biriko bibera i Arusha kuva kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2017, bitegekanijwe ko bizohera kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2017, hashizwe umukono ku masezerano, ahagarariwe n’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha