IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Arusha : Ibiganiro vy’abatari babonanye n’umuhuza i Bujumbura (...)

Arusha : Ibiganiro vy’abatari babonanye n’umuhuza i Bujumbura vyatanguye

lundi 16 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA batanguye kuva kuri uwu wa mbere ibiganiro vyatumweko n’umuhuza Benjamin William MKAPA. Muri ivyo biganiro, umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi ntiwatumiwe. Ubutumire bwatanzwe n’umuhuza bwerekana ko abahamagawe ari abantu 30 bo mu migambwe n’amahuriro atandukanye.

N’aho mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari bamenyesheje ko badashobora kwitaba umuhuza kubera amajambo yashikirije, bamwe muribo bashimye kwitaba ubwo ubutumire, aho tukababwira nk’umugambwe SAHWANYA FRODEBU waserukiwe. Muri uwo mugambwe basiguye ko batari gutakaza ako karyo k’ukuganira n’umuhuza Benjamin MKAPA, kugira bamubaze ku bijanye n’amajambo yashikirijwe, aho yavuze ko ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bwemewe, ahubwo ko abatabwemera ari abasazi. Uwo mugambwe wamenyesheje kandi ko ushaka kuja kubaza umuhuza ibijanye n’ikibazo c’Abarundi ibihumbi n’ibihumbi bapfunzwe, hamwe n’abahunze kubera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Muri uwo mugambwe bakavuga ko batarota baheba urugamba batanguje rw’ukwiyamiriza isenyurwa ry’amasezerano y’i Arusha, hamwe n’ukurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mu batumiwe muri ivyo biganiro kandi bavyitavye, harimwo Agathon RWASA icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, hamwe na Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze arongoye Uburundi.

Abagize urunani CNARED baheruka kumenyesha ko batazosubira kwitaba ubutumire na bumwe bw’umuhuza MKAPA, bakamwagiriza ko yerekanye ko ashigikiye ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Muri CNARED basavye ko uwo muhuza yosubirizwa.

Abo muri CNARED batumiwe muri ivyo biganiro ni umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Anicet Niyonkuru arongoye CDP, Pie Ntavyohanyuma, yahoze arongoye inama nshingamateka y’Uburundi, umugambwe PARENA, urunani RANAC, umugambwe CNDD wa Leonard NYANGOMA hamwe n’umugambwe ADP urongowe na Alice Nzomukunda. Muri abo bose, imigambwe SAHWANYA FRODEBU hamwe na ADP wa Alice NZOMUKUNDA akaba ariyo yitavye ubwo butumire.


IGIHE

Messages

  • Ayo,mamiriyoni,yamehera,bonona,ngobariko,bategura,ibiganiro,ntiboyaha,bantahonikora?Bakifashisha?

  • SINAHEAD ,,,,IBYAYO BYARANGIYE. ABO BICANYE NTA JAMBO BAGOMBA KUGIRA BO KANYAGWA.

  • Abatagiye mwiyo mibonano yuwo Mkapa ndabashimiye cane gose nabashingatahe bijunja nibakomere nibakomere kwibanga, imperanimperuka abarundi tuzotsinda, twongere gutembera uburundi bwose, atagukurwa mimiduga, atagukererwa ibihimba vyirondoka, ataguterwa ishinge zisumu, atakubohwa indege nkuko twirirwa turabibona unomusi, ataguhorwa uburebure Imana yaguhaye canke izuru ryawe, canke intara, ntibagiye abakenyezi basigaye bagenda umutima uhagaze bati sishika amahoro, kubwo gufatwa kunguvu, bagacabandukizwi rwara batari basanganwe, hamwe nugutwarinda bataribiteguriye gutwara!, ivyovyose bizohera uburundi bwongere kuba nyabagedwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.