IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Ata gikozwe ikibuga c’indege ca Bujumbura n’ibarabara RN5 bishobora guterwa (...)

Ata gikozwe ikibuga c’indege ca Bujumbura n’ibarabara RN5 bishobora guterwa n’umwuzurira

lundi 30 avril 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Ndamukiza, Antoine NTEMAKO arongoye igiporisi kijejwe gukinga impanuka, yamenyesheje ko ahanini uwo mwuzurira wavuye ku nzuzi za Gasenyi na Mutimbuzi zuzuye zica zisesa muri ayo makaritiye.

Antoine NTEMAKO avuga ko ubu abantu baba muri ayo makaritiye bataye ingo zabo, bamwe bagiye gusaba indaro ku babanyi, abandi basaba indaro mu mashure no mu masengero, ko rero bakenewe gufashwa mu bijanye no kubaho.

Uwo arongoye igiporisi kijejwe gukinga ibiza, arasigura icokorwa kugira bakinge mu kiringo cihutirwa, kugira batabare ibintu bitaraba nabi kurusha.

JPEG - 11.9 ko
Antoine NTEMAKO, arongoye igiporisi kijejwe gukinga ibiza

Ati : « Igikenewe cihutirwa, ni ukwagura inkombe z’inzuzi Gasenyi na Mutimbuzi, kugira amazi ari muri karitiye Kiyange na Miroir aveyo. Muri kazoza, kubera biboneka ko ayo mazi yavuye mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, hakwiye kwubakira inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura hagacibwa imigende ikinga inkukura ku misozi. »

Hari haheze indwi imwe gusa, karitiye Carama iri mu Buseruko bwa zone Buterere, nayo itewe n’umwuzurira w’amazi, ibikoresho vyo mu nzu bitari bike bikaba vyarononekaye, abandi nabo bava mu mazu yabo baja kurondera ahandi baba, nk’uko ababa aho mu Carama nyene babimenyesheje.

Nta ndwi kandi yari iheze, itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda muri komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza ritewe n’amazi, imva zitari nke zikaba zarasambutse, gushika aho ziyugurura.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Aho ni harorere twe twibereye mumatora ico kibuga ntaco kitumariye amakungu yaraduhevye nokuja hanze ntavyo dukeneye turi kukivi tuguma twisubirira inyuma twishakira kuguma kuburongozi bwigihugu ibindi birimenya

  • ngo caratuvunye,twibereye ku kivi,tuzobamesa,none washaka hakorwe iki ? cg murindiri nyuma y’amatora ya 2020

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.