Kanyosha : Abanyagihugu inzu zabo zahenuwe n’imvura basaba gufashwa

Yanditswe na Callixte Carpe NDIKUMANA
Kuya 29 mars 2018 saa 09:49
4260
0 0

Inzu 2 zo muri zone Kanyosha, komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura,zarahenutse, bivuye ku mvura nyinshi yaguye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ntwarante 2018. Ba nyene inzu bavuga ko bahatakarije ibitari bike.

Umwe mu baba muri izo nzu, amenyesha ko, inzu yahenutse bivuye ku mvura nyinshi yaraye iragwa mw’ijoro ryo kuwa kabiri, kandi ikirirwa iragwa umunsi wose wo kuwa gatatu.

Uwo yaba mu nzu imwe muri izo zahenutse, yavuze kandi ko naho ata muntu yitavye Imana, ibintu vyari mu nzu vyose vyononekaye, nk’ibikoresho vyo mu gikoni, igitanda n’imatera ndetse n’utundi tuntu twa nkenerwa mu rugo.

Abo bahuye n’iyo mpanuka, basaba Reta ko yobafasha, n’abandi bagiraneza babishoboye bakabagarukirako, mu bihe bitoroshe barimwo.

NDIZEYE Chadrack, atwara karitiye ya Kajiji, yashitse ahabereye impanuka, avuga ko agiye gushikiriza ikibazo ku bamukurira,ndetse yiture n’abagira neza nka Croix Rouge, kugira arabe ko hari ico bofasha.


Kumenyekanisha

1
Ndagijimana Joë l 7-04-2018 à 06:18

Yoo !!!! Murabe Abobantu Mubagarukireko Kuk Barahuy Nivyago .

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha