IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bamwe mu bakuru b’imigambwe basavye amafaranga y’ukwitegurira amatora (...)

Bamwe mu bakuru b’imigambwe basavye amafaranga y’ukwitegurira amatora y’ibwirizwa shingiro

vendredi 13 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu nama yagiranye n’abakuru b’imigambwe kuri uwu wa gatatu, bamwe mu bakuru b’imigambwe basavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko yoshikira Reta y’Uburundi, akabasabira amafaranga bazokoresha mu myiyamamazo y’amatora y’ibwirizwa shingiro azoba mu kwezi kwa gatanu. Abakuru b’imigambwe basavye ayo mafaranga ni nka UPRONA, RANAC, UPD ZIGAMIBANGA n’iyindi.

Abakuru b’iyo migambwe bashikirije ko kubera ubukene bw’amafaranga, badashobora gushika mu gihugu cose, bigisha abanywanyi bayo. Abo bakuru b’imigambwe bakaba basavye ko hojaho itegeko ryorohereza imigambwe yose ku rugero rumwe, mu bijanye n’uburyo.

Kuri ico kibazo, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yababwiye ko amategeko avuga ko Reta ishobora gufasha imigambwe, ariko ko adatomora ingene iyo migambwe yofashwa. Naho nyene yofashwa, Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko ubwo buryo bwohabwa iyiserukiwe mu nama nshingamateka. Yabemereye ko agiye gushikiriza ico kibazo Reta y’Uburundi, abasaba kurindira inyishu izoboneka uko izoba iri kwose.

Amatora y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi azoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, imyiyamamazo y’ukwigisha ico abanywanyi b’imigambwe bazotora ikaba itegekanijwe gutangura kuva kw’igenekerezo rya mbere Rusama, ikazomara indwi zibiri.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.