IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bamwe mu banyeshure bayobewe ikibazo ca Reta bemerewe gusubira (...)

Bamwe mu banyeshure bayobewe ikibazo ca Reta bemerewe gusubira kwiga

vendredi 23 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’indero buraremesha abavyeyi hamwe n’abanyeshure ko bwamaze guheza igikorwa c’ukurungika abanyeshure mu bisata vyose vyo mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye (Orientation). Ubwo bushikiranganji bwishuye no ku kibazo c’abanyeshure bayobewe ikibazo ca Reta, ariko mw’ishure bari bamenye.

Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uwu gatanu, ko abanyeshure batashoboye gushikana amanota yafatiweko mu kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu gice ca kabiri c’amashure shingiro, ariko bari bamenye mw’ishure, ko bamwe muribo bahawe uburenganzira bwo gusubira kwiga. Janvière NDIRAHISHA arasigura abazokwiyandikisha

"Abashikanye amanota 90 mu kibazo ca Reta (Concours), baba abo muw’icenda (90 ku 200) canke abo muw’icumi (90/345), abo baremerewe gusubiramwo umwaka, bimwe twita kudubura, mu gihe ibibanza bibonetse. Gutyo abazoronka ayo mahirwe bazoheza bakore ikibazo ca Reta ata nkomanzi. Ku batashoboye gushikana urwo rugero (90 ku 200 canke 90 ku 345) nabo, abavyipfuza bazoheza bagaruke kwipima ku kibazo ca Reta co mu mwaka uza, ariko bazoza nk’abigenga."

JPEG - 52.8 ko
Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero

Ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye bukaba bwaheruka gushira ahabona amanota yafatiweko ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda n’uw’icumi bakoze ikibazo kibaha uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro.

Ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda bakoze ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’ishure shingiro, amanota yafatiweko ni 93 ku 200, akaba angana n’ibice 46,5 kw’ijana.

Ku banyeshure bo mu mwaka w’icumi, amanota yafatiweko ni 93 ku 345, akaba angana n’ibice 26,9 kw’ijana.

Ubushikiranganji bw’indero buragabisha kandi abayobozi barihisha amafaranga abavyeyi baje kwandikisha abana bashasha bo mu mwaka wa mbere w’amashure shingiro, bakavuga ko iryo yandikwa rigirwa ku buntu.


IGIHE

Messages

  • non abo bandi bazojahe wunva atari mwibarabara

  • EMWE NDAVYEMEYE ,RETA NUMUVYEYI KUKO IBEMEREYE KUZOSUBIRAMWO

  • Turabaramukije!Ubwa Mbere Tubanje Kubashimira Kuri Iryo Humure Muhejeje Gutanga!Ikibazo Canje: None Ko Mwavuze Ko Mwari Mwavuze Ko Ata Mwari Mwavuze Ko Ata Mwaka W,icumi Uzosubira Kubaho,abazohitira Bahora Biga Mu Mwaka W,icumi Bazosubira Kwiga Mury,icumi Canke Muy,icenda?Murakoze!!

  • iconosaba ubushikiranganji bwindero nuko mwokwiga kukibazo cabobana bayobewe kuko ntiwomara umwaka wose muhira utiga wibereye muvyawe ikibazo ntacowotora nimurabe neza murabirukanye kandi murazi nimisore ninkumi bashobora guca bubaka izabo kandi utize ubuzima sicoroshe iciyumviro canje niki mukore ibishoboka mwigekukibazo cukuntu hoboneka umwanya bakaza barakora imyimenyerezo nkomundwi rimwe kandi ntagidashoboka

  • Madame la Ministre, nk’abanyeshure bahejeje na cane cane uw’i 10 badafise aho badubura kandi bafise amanota meza CANE kuri bulletin y’umwaka wose w’ishure novuga nko hejuru ya 65 pour cent, akaba ata echec nimwe bafise dans les cours principaux nk’ibiharuro, francais, anglais n’ibindi nk’ivyo, mugabo bakaba batatoye concours national ku mvo zitabavuyeko, mwari mukwiye kubafasha nabone bakabandanya mu w’i 11 nk’abandi kugira abadubura bashobore kubona places zikwiye.
    Ikindi kandi pour doubler ntivyari bikwiye ko baraba gusa amanota ya examen national, kuko hari abanyeshure basanzwe bafise amanota meza kuri bulletin y’umwaka wose w’i 9 canke 10 batayitoye, nk’abo nimba badakwije ayo manota 90 ku 200 canke 90 ku 345 asabwa pour doubler, ntivyari bikwiye ko baca birukanwa, nabo nibahabwe iyo chance de doubler parce qu’ils le meritent aussi, Madame la Ministre. Nimurabe ayo mufatirako nabo bige, kuko si bose batoye examen national uko bavyipfuza, murazi ko na panique canke uburwayi bushobora gutuma umwana atamenya examen kandi en temps normal yoyitsinze avec brio.

  • JEWE ICO MBONA LETA Y,UBURUNDI YANANIWE NIMARAMARE ITE YOMOKE KUKO IPFUYE HOSE NK,UMWANA AHIYE MUKWAHA!

  • NABO MWOBAREKA KUKO NTIBAZI IYO BOCA BAJA

  • Vyoba Nivyo. Nayo Ubundi Nkuwabuze Inota Rimwe Agaca Ataha Kurima Ntiryogumye Riniga? Na Mitende

  • Emwe Birateye Isoni!<< Ngo Abayobewe Mw-ishure Babandany Arko Abamenye Batahe>> Reta Nirabe N-abamenye Mw-ishure Bige Kko N-amashure Y-imyuga Bavuga Ntaruzura!

  • Hasta Mumbozi W’iGasasa Ntimugire Ubwoba Nabamenye Ntakazi!

  • Non Muzoca Mubashirahe?Abananiwe?

  • nn barya bana bo muwagatandatu bakoz ca kibaz co kuja mumashur yakarorero ,bizogenda gute ko imisi yaheze?

  • None Ntubona Komutwibutse.Muragabanije Bamayibobo .Nahandi Ntayokuye Uruvunja Uwundi

  • la multiplication des chommeurs n est pas bonne plz ndabona amashure yataye agaciro mu burundi

  • Bagabanij abanyeshure,bagwijij abasuma n inkozi zibibi.vyari vyiza iyo bos babareka bakig

  • Ese None Kuki Mwafashe Ko Hodubura Bake?Non Abobandi Bazoca Bajahe?

  • Nanje Ico Nosaba Kubanyeshure Bahora Biga Muyicumi Bari Bahereye Mu Windwi Biga Mundaro Bajanwe Na Reta Ariko Bakaba batagize Amahirye Yokuronka43% Ko Batoca Babarungika Kwiga Muhira Bobashirahamwe Nabafise43%

  • Mugabo Amakenga Ntabuze Nenkuwutamenye Nakimwe Wehobit? Nakajoreza!

  • vyahaye kubona hari abayobozi bahindura bultin zabanyeshure bamenye bakandik ko bayobewe bagaca bironkera ikbanza ariko harabicay bensh biratubabaz cane !

  • Ntaco nokwongerako ahubwo numunezer gusa.

  • Jew iciyumviro canje gisa nakabazo gatoyi:"
    None ko bavuzeko abatarose amahirwe yo kumenya canke ngo bakwize 90,ariko mukabamwabemerey gusubira kwipima mugukorikibazo,ariko mukavugango bazokora nkabigenga,nn wumva babaye bitwa abigenga bazoba bazwi nez na leta??
    Ikindi mbega ko bazoronka ayomahirwe yo kwipima;mbega mwoba muzobamenyesha ivyo baziga cane cane nkabo mumwaka 10;ntimuzohava mubabazivyo mumwaka w’icenda kandi atavyo bazi??

  • Nivy Nakar Hiz Besh Nubw Nayobew Ntakund Ndi Bugir Ko Dusab Ikibanz Wap Nihig Aban Bany Tweb Dukurikiz Entrepreneuriat Ntakund Twihangan

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.