IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Barack OBAMA yongereje ikiringo c’ibihano vyafatiwe Abarundi (...)

Barack OBAMA yongereje ikiringo c’ibihano vyafatiwe Abarundi bane

jeudi 10 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cafashe ingingo y’ukwongereza ikiringo c’ibihano vyafatiwe abategetsi bane b’Abarundi. Ivyo bihano vyongewe ikiringo c’umwaka.

Mw’ikete Barack OBAMA yasohoye kuri uwu wa gatatu, yasavye ko ivyo bihano vyogumizwa ku babifatiwe, mu kiringo c’umwaka.

Abarundi 4 bagizwe n’abasirikare hamwe n’abaporisi nibo bari bafatiwe ibihano, bagirizwako ko bafise uruhara mu bikorwa vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu, mu myiyerekano yo kwiyamiriza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwitoza.

Muri iryo kete, Barack OBAMA yamenyesheje ko mu Burundi hacibonekeza ubwicanyi hamwe n’ubugizi bwa nabi bukorerwa abanyagihugu basanzwe, amajambo y’ugukokeza ubugizi bwa nabi, ivyo bikabangamira amahoro hamwe n’umutekano vy’Uburundi.

Abo bagumijweko ibihano bari bafatiwe ni Alain Guillaume BUNYONI umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi, General Cyrille Ndayirukiye ari mw’ibohero, General Godefroid Niyombare, bompi bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015, hamwe na Bizimana Godefroid, icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi.

Ibihano abo barundi bafatiwe akaba ari ukudashobora guhonyora ku butaka bwa Reta zunze zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’ukuhabika ubutunzi bwabo.


IGIHE

Messages

  • KWAHIO,HUO,MURAISI,PETERONKURUNZIZA,VINATAKIWA,ACHEWUHURU,WENGINE,ASIJE,AKAWAUREMURAISI,KADAPFI,KWAVIRE,ARIKUWAMUPINZANI,WAKAMUWUWA,KWAJIRIAWUJINGA,NAWEWE,NAWEWE,MURAISIWABURUNDI,USIJE,UKAWAEEEE,NAGUSHAURI,

  • Ico Abarundi Dushaka Nuko Mwoturekera Ubwigenge Kuko Twarikukiye, Ahubwo Mudufate Mumugongo Muhane Abo Baja Baratugumura Bamenyereye Ubwicanyi Kuva Keranarindi ,ariko ntahobagica Harugaye. Imana Nivyose,

  • Ico Abarundi Dushaka Nuko Mwoturekera Ubwigenge Kuko Twarikukiye, Ahubwo Mudufate Mumugongo Muhane Abo Baja Baratugumura Bamenyereye Ubwicanyi Kuva Keranarindi ,ariko ntahobagica Harugaye. Imana Nivyose,

  • Abarundi Twarikukiye, Twime Amahera Muduhe Amahoro,

  • NDAKWANDIKIE,NDAKWIPFURIZA,UMUSIMWIZA,KWERITWARASHIMYE,KUVYOYARANGUYE,NONE,IGIHECIWENICAGERA,AKAVAMWO,WUZOKWINJIRA,AZOKORANKIVYOYAKOZE,NUBUKOTUMUSHIMIRA,IMANA,IMUJIMBERE,TUZOMUSENGERA,

  • ARITWENGA MANDAYIWE YAHEZE,NATEMBE,NKAMPORONA,IYOROFA UBAMA

  • Nuko umumugambwe yati ashigokiye watsizwe kandi nyeni cibahiro yabaye uwambere mugukeza uwatowe ni ishavu yagiriye uburundi ariko ntaco bivuze kuko twe turigenga

  • siwe yohara n,umugore wiwe hiraly clinton baranse kumutora ng,abe prezida

  • Nankurunziza,na Nyamitwe nabakazungu, nabandi nabandi barikumwe mububisha, bari bakwiye gufatirwa ibihano bikomeye, kuko nibo barimbere mwihohotera ryakiremwa muntu.

  • Rekanivugire kubindindeke ayamateshwa ya Obama.
    Umvakamaramaza barundi bavukanyi: babagabotwahora twitakwaribihangange mugihugu cacu baheruka guhemukira igihugu cabo ngontibakeneye kubamugihugu gitwarwa na Nkurunziza, barayebabwiwe na Kagame ngo nimutore umuntu umwe wumututsi mwongere mutore nuyundi umwe wumuhutu ngomaze muvuge ijambo ryogushigikira uryamugore Hillary Clinton ngomurazi kwatagushidikanya ngoniwe azotsinda ivyorero bizocabibafasha azoce akomeza gubashigikira kurugamba mwatanguye rwokurwanya Nkurunziza na leta yiwe, noneho abaserukirabanti muribarya barwanya Nkurunziza ariko baryabavuga ngo ntibobamuburundi butwarwa numukuru wigihugu ngoyitwa Nkurunziza maze bacabatora Buyoya na Ntibantunganya aborerobaranditse inzandiko zivugako bashigikiye Hillary C barongera baravuga bimwebimwe muri za social media.
    Sinokwibagira nokubabwirako nawamugore Maggy yemeye akajakubonana na Hillary.
    Umvandababwire barmaramaye bimwebirenze kwemera gutsindwa kwa Hillary kurabatesheje umutwe nkigihe bagira kudeta kuri Nkurunziza bikabapfana ubunyene basanabatabona ikigiye gukurikira kuko imbinu zikuruzikuru baribarapaze kuzokora zisanizabaheranye.
    Noneho uburusiya bwayiciye umurya bwavuzeko ngo kubera uburaya bwasegufasha uburundi ngoburiyemeje gufasha uburundi kurivyose.
    Ivyovyose vyereka abarwanya Nkurunziza na leta yiweko nimbabizoshoboka ntibizoja musi yimyaka 50 kuko vyarikuborohera muricagihe cayakudeta kuko ubu Nkurunziza na leta yiwe barose umwanya ukweye wokwiyegereza ibihangange vyokubabahafi batibagiye kibirengeye Mushoboravyose, mbere barondeye ububasha burengeye abobiteze kobohangana nabo bimeze nkakura wobona ishamba ryishi rirerire ryinyigaza ufise inkoni noneho ukibazati nimbogo ukirukakuzana icumu numuheto nimyampimyishi noneho wahashika ugasanga nahabeba karikokararya icatsi!!!.

  • Ni Sawa,turashimye kuriyo ngingo, turasavye ko Trump we yoza abashira i la Haye apfunga

  • hababaje urya yaburiwe urengero nabari mwibohero,naho abandi bo USA ntaco bayironderako. batagiye yo bazaja nahandi isi ni niniya cane.nakare bamenye umukenyuro mushasha.

  • @Karimanzira,HE Kagame jya umukura muruwo mwanda wanyu Abarundi, shame on you

  • OBAMA ASHAKAKUTUMARA REKA PEREZIDA YATOWE AHEDURE IBINTU IVYOBIHANO AGUMA AFATIRA ABARUNDI NABIFATIRE ABAMENJE NKANIYOMBARE

  • EWE OBAMA NAWE URANTWENGEJE,URASE KUGENDA UTARANGIJE UMUGAMBI WIKINYOMA WAWE?NTAKUNDI TER’IGERE RYANYUMA.VYARAKUYOBEYE.TRUMP KARIBU WIKORERE UREKE URYA MUSAZA OBAMA.

  • Nonaho Obama ashatse kutubwirako abantu basibije igihugu arabo gusa kandi bamwe muribo ninzira karengane kuko ivyo Obama yase ko bihonyangwa nabo nivyo baharaniriye abandi nabo bafise abakuru babatwara babatuma gukora ivyo bibi niba Obama ashaka gufasha abarundi Koko nahere kurabo nyene ikindi kubafatira imitungo no kubabuza kuza muramerika ntibihagije utabafashe ngubakure mubanyagihugu kuko kuva bafatiwe ivyo bihano nticababujeje kubanda batikiza inganda naho kuvuga ko ubafatiye imitungo yabo haraho wosanga ataniyo bigirira ikindi kandi nubwo boba bayifise utabakuye mubanyagihugu Baca baja gusahura abanyagihugu nyarucari jewe rero mbona kwiyo ngingo ya Obama isa niyo gushinyagurira abanyagihugu birirwa barahekurwa

  • NONE BIZOGUMA BIGENDAGUCO KUGEZA VRARI?

  • @So Much!Politique y’America kuri Africa ntakizohinduka,ikindi kandi Obama afise 55ans Trump afise 70ans none umusaza ninde?

  • Ariko mwamacuho mwe mwinterahamwe mwaretse u Rwanda,ariko ubundi icyogihugu bene sebahinzi bakibonye gute?umunsi about batutsi bazabigaranzura Mandi so cyera nzarebaho muzahungira

  • reka reka nabo gusa hariho abandi arko nanakimw nabo badutoteza cane

  • Ahubwo Nimurabe Mubongere Nkuwundi Mwaka Ikwire Ibiri Kuko Baramaramaje Kandi Ari Igihugu Cabo!Oya Kweri Nibahanwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.