Accueil > Amakuru > Amashuri > Bubanza : Abanyeshure babiri bahora mu gasho bamowe imishatsi ku (...)
Bubanza : Abanyeshure babiri bahora mu gasho bamowe imishatsi ku nguvu
lundi 9 Gitugutu 2017, par
Kuva ku munsi wa kane, abo bigeme babiri bari bapfungiwe mu gasho ka komine Bubanza, inyuma y’aho babwiriye umuyobozi w’ishure bigako ko badashbora kwimosha imishatsi, kubera idini ryabo ribibabuza.
Abo banyeshure bemeza ko bahisemwo gupfungwa kubera idini basengeramwo ryitwa "Ihuriro ry’abana b’Imana" ritabemerera ko bimwesha. Bavuga ko hako borenga kuvyo Imana ibasaba, bemeye gupfungwa.
Hagati aho, abo banyeshure bemeza ko bari barandikiye umushikiranganji w’indero bamusaba uruhusha rw’ukutimosha, ariko umushikiranganji akaba atari bwabishure.
Inyuma y’iminsi itanu bapfunzwe, abajejwe intwaro, umutekano n’ubutungane bafashe ingingo y’ukubamwa ku nguvu, kugira basubire kw’ishure kubandanya ivyigwa.
Egide NDUWIMANA