IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Bubanza: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima

Bubanza: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima

jeudi 16 Ntwarante 2017

Inyuma y’imvura ivanze n’igihugusi n’urubura yaguye mu ntara ya Bubanza ikonona amazu n’imirima, musitanteri wa Komine Bubanza asaba abagira neza gufasha abanyagihugu bo mu miryango yasinzikaye.

Imvura ivanze n’umuyaga n’urubura yaguye muri komine Bubanza , intara ya Bubanza yatumye inzu zo kubamwo, amashure , amashengero hamwe n’amahegitari atari make y’imirima vyononekara.

Amakuru ava mu batwara komine ya Bubanza amenyesha ko inzu 97, amashengero 7, amashuri atatu hamwe n’amahegitari 54 y’imirima arivyo vyononekaye kubera iyo mvura.

Ayo makuru nyene amenyesha ko zone Mitakataka ariyo yasinzikaye cane, abarongozi mu ntwara bakaba bafise ubwoba ko mu gihe hari hasanzwe inzara ivuye kw’ihindagurika ry’ibihe, ibintu bishobora kwunyuka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.