IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bubanza: Umugabo yishwe n’abantu bataramenyekana avuye ku kazi

Bubanza: Umugabo yishwe n’abantu bataramenyekana avuye ku kazi

samedi 17 Munyonyo 2012

Umugabo yishwe n’abantu bataramenyekana avuye ku kazi, ababibonye ubwa mbere bavuga ko hari isaha imwe yo mw’ijoro ryo ku wa gatatu aho babona ikiziga c’umugabo yitwa Nyandwi ku musozi Kiziba, zone Kivyuka komine Musigati, intara ya Bubanza.

Uyo mugabo yakora akazi ko kubaza imbaho. Uwurongoye uyo musozi avuga ko umunsi yari avuye aho akorera atashe yahuye n’abantu b’abagizi ba nabi baramwica. Ababanyi biwe bemeza ko ata muntu n’umwe yari afitaniye amatati n’uyo muntu yishwe, bagatangazwa n’ingene umuntu ata co azira ashobora kwicwa ata co yinona.

Igipolisi caciye kinyarukira kuri uyo mutumba kugira hatangure amatohoza ariko igipolisi ntigishima kuvuga aho amatohoza ageze. Nta muntu yikekwa arafatwa n’igipolisi. Muri iyo komine Rugazi harakunze kwibonekeza ubwicanyi nk’ubwo, kenshi bivuye ku matati y’amatongo. ’

Abajejwe umutekano n’abajejwe intwaro basaba abanyagihugu kuja baratabarana iyo hagize uwuterwa n’abagizi ba nabi, hamwe n’ukurikanura bagatabaza igipolisi iyo babonye umuntu biketse.

Foto: Iwacu


Bonesha FM

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.