Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Amashuri
Bubanza:Umwigisha yakomerekejwe n’abanyeshure yigisha
Yanditswe taliki ya 16-02-2017 - isaha 08:13' na IGIHE

Umwigisha n’umunyeshuri bo kw’ishuri nshingiro rya Gitanga,muri komine Gihanga,intara ya Bubanza barakomeretse inyuma y’akaguma kabaye kuri iryo shuri,imbere y’umutaga kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Amakuru ava aho i Gitanga amenyesha ko umwigisha Gilbert Kwizerimana yakubiswe n’abanyeshure igihe yahana umunyeshure yari acerewe abanyeshure bagenzi we baca bagira ishavu.

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,ivyigwa kuri iryo shure ntivyabaye, ariko ubuyobozi bw’indero muri komine bwamaze kurungika umurwi ufasha gutorera umuti ic kibazo.

Ubuyobozi bw’ishure nshingiro rya Gitanga bumenyesha ko abanyeshure batanguje ako kaguma bamaze guhagarikwa, abigisha nabo bagasba ko abo banyeshure bohanwa vy’akarorero.

Ivyiyumviro vyanyu

Akensh Biv Ku Bigish, Kk Har Abigisha Usang Har Aba Elv Batiyumvamw, Bagac Bashaka Kubahahaza. Bigatuma N’abo Bagr Ishavu.

23.02.2017 à 13:11
Elysé

BAKWIYE KUBWIRA ABAKOZI B’IMANA BAKABASENGERA.

17.02.2017 à 19:02
TELESPHORE

Abarim Nibakazib Badukubita Batabon Ntibabon Kotwashishwe Baratubarirwa Umenyeshur Ndamuhay 99%

17.02.2017 à 15:59
Young M

Ivyo gukubita umunyeshure ntibikibaho ndetse bikwiye kubuzwa hose mu mashure.

17.02.2017 à 10:09
che

abigish batar bak ub kensh nab bariyenz kubanyeshur ib bigashik nah mpererey gus nab sib ber, nibarab babarek bakor nkabavyey kuk babirukany inzig yinzikir nubund irabandany nakar bavug bat" ISHAVU RY’UMUVYE RIRIRIRWA NTIRIRARA"

17.02.2017 à 05:48
Jean Luc

None yamuhana yaruwo yavyaye ?, umwana acerewe ntibisigura yuko mwarimu yoca amukubita, nikubera arigihugu kikiri mubukoroni !, jewe nkunze gusoma ibiryamakuru vyomubihugu bitandukanye vyohanze bijanye nindero yomwishure, kirazira kikazirizwa mwarimu gukora kumwana ngonuko yacerewe, nkabimwe mporambona abana bakorerwa haniwacu, umwana ahataha inyo yavyivye,hamwe nipfundo zokumaguru !, ukonabisomye mubinyamakuru vyohanze umwarimu nkuwo nukwinjira mugasho. Ariko abarimu bahano iwacu uko bafata abana mumashure ntavyokubahiriza agateka kabana !, namwe nivyo mwibonera uburyo birirwa bateza inda, abandi bakanduzwa umugera wasida nabigisha babo. Uwomwarimu nawe nyene yarakwiye guhamwa kuko yahonyanze agateka kumwana.

17.02.2017 à 02:38
Nowera Nimbona

EMWE ;TURAHANZWE ;

16.02.2017 à 17:34
NYANDWI BONAVENTURE

Ntagitangaje kirimo, iryo n’Iragi rya Peter Nkurunziza,uwo mw’igisha ashimire Imana kuba atapfuye

16.02.2017 à 09:08
Mwumba

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.