Accueil > Amakuru > Poritike > Bujumbura : Abanyagihugu basaba umurwi CENI kwongereza abatanga amakarata (...)
Bujumbura : Abanyagihugu basaba umurwi CENI kwongereza abatanga amakarata y’amatora
samedi 12 mai 2018
Kuva isaha imwe kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 12 Rusama 2018, kw’ishuri rya Mirango ya kabiri ahazwi nko ku bafaransa, abantu bari ku mirongo barindiriye abaza kubaha amakarata, ariko bamwe mu bari aho bavuga ko gutora amakarata yabo bibagora.
Uko vyari biri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, niko vyari no mu gisagara hagati, kw’ishure ESTA ahahoze hitwa Athenee, isaha z’ibiri z’igitondo, imirongo yari miremire y’abarindiriye gutora amakarata yabo, abanyagihugu bakavuga bishobora gushika ikiringo catanzwe kikarangira bataraheza gutanga amakarata.
Bamwe mu bakozi b’umurwi utegura amatora CENI, bavuga ko igikorwa bariko barakora kigoye kuko hari aho usanga amakarata adatonze hisunzwe uko indome zikurikirana, bigatuma bibatwara umwanya kugira batore ikarata y’uwuje kuyisaba.
Bavuga kandi ko, hari aho bishika amakarata akabura, kandi abaje kuyatora bafise ibisabwa vyose, bigatuma hari abagenda bashavuye, bagasigura ko vyoba biva ku rwego hejuru ahakorewe ayo makarata.

Abanyagihugu bagasaba umurwi utegura amatora CENI kuba urategekanya uko wokwongera iminsi yo gutora ayo makarata aranga uwutora, kuko abaza kuyatora ari benshi abayatanga nabo ari bake.
Igikorwa co gutanga amakarata aranga uwutora catanguye kw’igenekerezo rya 9 Rusama 2018, kizorangira kuw’Imana igenekerezo rya 13 Rusama 2018.
MUGISHA Van Naris