IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Buterere: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’imyuzurira

Buterere: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’imyuzurira

vendredi 17 Ntwarante 2017

Umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko umuntu umwe ariwe amaze kumenyekana ko yitavye Imana inyuma y’imvura yaguye ku mugoroba wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ,umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE yamenyesheje mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante,umwakwa wa 2017 ko umuntu yapfuye yaba muri quartier ya Kinyankonge iri muri zone Buterere, mu gisagara ca Bujumbura.

Pierre NKURIKIYE avugira igipolisi amenyesha ko ama quartier ya Buterere na Buhunyuza ariyo yasinzikajwe n’imyuzurira kurusha ahandi.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi amenyesha ko kuva mw’ijoro igipolisi kiriko kirakora kugira bafashe abashikiwe n’ivyago.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.