IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI wemeje ko abatatoye amakarata y’itora ariko bafise agapapuro kemeza ko (...)

CENI wemeje ko abatatoye amakarata y’itora ariko bafise agapapuro kemeza ko biyandikishije bazotora

lundi 14 mai 2018

Prosper NTAHORWAMIYE avugira umurwi utegura amatora CENI, avuga ko mu bibanza bitandukanye hibonekeje amakarata atari make yasigaye banyeneyo batigeze baja kuyatora.

Mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura, abazotora biyandikishirijemwo, ico kiringo carangiye hakiri amakarata ataratorwa, abatanga ayo makarata bakaba bamenyesheje ko hari bamwe biyandikishirije I Bujumbura bagaca baduga hagati mu gihugu ku mvo z’akazi canke kuramutsa imiryango.

Ku bijanye no kwongereza ikiringo co gutora amakarata, umuvugizi w’umurwi CENI avuga ko mu nteguro ata kirimwo, kuko bafatiye ingene abantu batanguye baza gutora amakarata, ubu igitigiri cagabanutse.

Mwomenya ko, amatora y’ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kuwa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, nayo imyiyamamazo ikaba iza guhera kur’uno wa mbere igenekerezo rya 14 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • None bazomwandikira ko yatoye hehe ? Aho niho ubusuma bugomba butangurire ! Abiyandikishije habiri bazoca babonerwaho !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.