IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED: Abakuru b’ibihugu vya Afrika basabwe gufasha kugarukana amahoro mu (...)

CNARED: Abakuru b’ibihugu vya Afrika basabwe gufasha kugarukana amahoro mu Burundi

mardi 4 Mukakaro 2017

Nkuko biri mw’ikete ry’urunani CNARED ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017mu gihe abakuru b’ibihugu n’amareta bakoraniye I Addis-Abeba,urunani CNARED rumenyesha ko rushima utwigoro tw’abakuru b’ibihugu,ariko bagasaba ko bokora kurushiriza kugira amahoro n’umutekano biboneke mu Burundi.

Muri iryo kete,urunani CNARED rusaba abakuru b’ibihugu n’amareta muri Afrika kwisunga akamo batewe n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres kugira bakingire abarundi.

Urunani CNARED rumenyesha ko ata yindi nzira yofasha gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi, Atari ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi n’abatavugarumwe nayo,kandi ata kirinze gusabwa.

Iryo kete ryarungikiwe abakuru b’ibihugu n’amareta bitavye inama igira 29 ihuza ibihugu vya Afrika,irik ibera ku murwa mukuru wa Ethiopiya Addis-Abeba.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.