IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED isaba inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu gukurikiranira hafi (...)

CNARED isaba inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi

mardi 27 Ruheshi 2017

Inyuma y’inama igira 35 y’Inama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu yabereye I Geneve ku magenekerezo ya 14 na 15 Ruheshi 2017,urunani CNARED-Giriteka rurashima ivyashikirijwe mu cegeranyo ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, rugashimira kandi inama mpuzamakungu ONU ku twigoro two kurndera ko agateka ka zina muntu kokwubahiriza mu Burundi.

Muri iryo tangazo,urunani CNARED-Giriteka rumenyesha ko mu Burundi hakiri ihnyangwa ry’agateka ka zina muntu kandi ko hari n’igitigiri kinini c’abarundi bahunze igihugu, n’abandi baburiwe irengero.

Nyamitwe:’’Icegeranyo ku Burundi nticisunze inkuru z’imvaho’’

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, bavuga ko ivyegeranyo bishikirizwa n’inama ya ONU ijejwe agataka ka zina muntu ku Burundi batavyemera, kuko bikorwa badafatiye ku nkuru z’imvaho.

JPEG - 44 ko
Ambass. Willy Nyamitwe umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu

umunyambanga mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru Ambassadeur Willy NYAMITWE avuga ko ibijanye n’agateka ka zina muntu babihaye intumbero za poritike kandi atari ko vyategerezwa kugenda.

Ku ruhande rwiwe,mu kiganiro co kwihweza ivyavuye mu nama yabereye i Geneve, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Diomede NZEYIMANA yavuze ko inama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu yategerezwa gukora koko nk’urwego rwiyubaha, abahinga babo nabo bagakora nk’abahinga koko.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.