CNARED ntizokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 4 Ndamukiza 2018 saa 11:53
59955
0 0

Abayobozi b’urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, CNARED, bamenyesheje ko batazokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018. Muri CNARED bashikiriza kandi ko ingaruka z’ibizova muri ayo matora zizobazwa abayateguye.

Mu nama y’abagize urwego nyobozi rwa CNARED yabereye mu gisagara ca Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi kuva kw’igenekerezo rya 24 gushika kurya 26 Ntwarante 2018, hari ingingo zafashwe n’abagize urwo rwego nyobozi rwa CNARED. Zimwe murizo akaba ari uko abo batavuga rumwe n’ubutegetsi batazokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro.

Mw’itangazo CNARED yasohoye kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko biteguriye kwitaba ibindi biganiro vyotumwako n’umuhuza, ariko ko ica mbere bobanza gusaba kugira bitabe ivyo biganiro, ari uko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryohagarara.

JPEG - 60.8 ko
Yohani MINANI, umukuru wa CNARED

CNARED isaba amakungu hamwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, ko bobandanya kwumvisha Reta y’Uburundi ko yohagarika ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.

Iryo tangazo rya CNARED ryateweko umukono na MINANI Jean umukuru wa CNARED

NDENZAKO Aline, Icegera ca mbere c’umukuru wa CNARED

MUDEREGA Pamphile, Icegera ca kabiri c’umukuru wa CNARED

NIYONKURU Anicet, umukuru w’umugambwe CDP, akaba n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED

CIMPAYE Pancrace, Umuvugizi wa CNARED

NTAVYOHANYUMA Pie, yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

BUSOKOZA Bernard, yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

RUFYIKIRI Gervais, yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

BAMVUGINYUMVIRA Frédéric, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU akaba n’uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

HATUNGIMANA Léonidas batazira "Tout Autre", yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba yatanguje umugambwe witwa PPD-GIRIJAMBO

Minani Jérémie, umukuru w’umugambwe RDB

MINANI Sévérin yaserukiye umugambwe FRODEBU-NYAKURI, Iragi rya Ndadaye, ishami rirongowe na Jean MINANI.

MUGWENGEZO Chauvineau, umukuru w’ishami ry’umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA

NAHAYO Julien, umunywanyi wa CNARED

NDAYIKENGURUKIYE Jean Bosco, umukuru w’ishami ry’umugambwe KAZE-FDD

NDITABIRIYE Dismas, umukuru w’ishami ry’umugambwe RADDES, yaserukiwe na KABUYENGE Emmanuel)

NDITIJE Charles, umukuru w’ishami ry’umugambwe UPRONA

NGENDAKUMANA Jérémie yahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

NIMUBONA Zénon, umukuru w’umugambwe PARENA-IMBOGORABURUNDI (yaserukiwe na KAMEYA Eméry)

NYANGOMA Léonard, umukuru w’umugambwe CNDD (yaserukiwe na NDIKUMANA Nephtali)

NZOBAMBONA Prosper, umukuru w’umugambwe NADDEBU

SINDUHIJE Alexis, umukuru w’umugambwe MSD, (yaserukiwe na NZEYIMANA Abdoul).


Kumenyekanisha

1
Namahoro 17-04-2018 à 19:39

Hooo!Munaniwe gutaha mugihugu cabibaruts,none muriko muravuga ayamuhe ngo ntibuca mwemera ibizova mumatora,iyo ni inzara bure kudataha!

2
Namahinyu 16-04-2018 à 17:40

CNARED yibaza ko yanse amatora isi ica yubama! Jijuke!

3
kankindi 10-04-2018 à 11:49

hahahahaha muraranyishe mwavuga ntibumva abo ntawe botera ubwoba fdd muyizi inusu na tout autre yibagiye ingene twamukosoye i makamba nubu tuzorushirizaho

4
kankindi 10-04-2018 à 11:49

hahahahaha muraranyishe mwavuga ntibumva abo ntawe botera ubwoba fdd muyizi inusu na tout autre yibagiye ingene twamukosoye i makamba nubu tuzorushirizaho

5
Silas 10-04-2018 à 08:08

NONE MUZOKWAMA,MUTEMERA,AMATORA,GUSHIKA,RYARI? NONE,ABARUNDI,TUGENDERE,KUVYIYUMVIRO,VYANYU,IKUBITE,AGASHI

6
Mario 9-04-2018 à 15:43

Ntakugugumwa, Caratuvunye!

7
Deo 9-04-2018 à 10:12

Vyarabananiye Vayo Ubuho Nimujisho Ntaburofa

8
Manirakiza Eric 7-04-2018 à 11:45

Kuvyanka nuburenganzira bwanyu Mugihugu kirongorewe muri democraci narirya Musanzwe Muri Ibi Hangange muri poritique y’Igihugu.

9
Mutabazi 6-04-2018 à 11:36

Aho rero dushire agati mu ryinyo ngo bariko bararonderera ineza abarundi!ni inyungu zabo bariko bararondera.

10
Cares 5-04-2018 à 22:27

Voba Vyiza Bagiye Barahana Hana Nkakurya Komuri tanzaniya Ntandu Ru, Barabirabe Turonka Mahoro Nta Wusomera Indurivuga

11
Daniella 5-04-2018 à 21:00

Bahungiye,imvura,mumuvo,ububiligi,aribwo,bwakoroneje,Uburundi.Nibatahe,mu,gihugu,niho,tuzobemera,kwarabagabo.!

12
Mama 4-04-2018 à 18:28

None ubundiho harico mwarimumariye Uburundi nabarundi bari Burundi mwebwe ibibafitiye akamaro kandi mukwiye nokwama mwemera nivyomu Bubiligi nayo ivyiburundi ntibikibaraba nakare ntahantu wobuza urabwira abantu ngotera grenads mubantu biteramiye ngoheze wemere ibikoreweyo.

13
umuganwa 4-04-2018 à 17:27

ibintu vyama bitarimwo Hussein Rajab nta kazoza bizokwigera

14
MASO 4-04-2018 à 16:18

Hahahahahaaaaaa
Muce iyo mushaka , kurya vya bankiye kwi 13.05.2015 , niko bizobagendekere .
Ubu hoho , ijuru rizo barwako !!!!!

15
NDAYIHIMBAZE Bagou protas 4-04-2018 à 16:01

bwire CNARED.uti muraza babapime..hano kwa ROJANTI..kabisa

16
Namahinyu 4-04-2018 à 15:50

Cnard yaranse amatora ya 2015, n’ubu ikiriko! Izogera igihe itebe iruhe!

17
Ntwegera 4-04-2018 à 14:59

Hahahahaha,
Genocide myahaya hamwe n’abakoroni banyu yarabapfuye none ngo ibizova mu matora ntibibaraba. Ni igiki cerekeye Uburundi kibaraba? Ninde Murundi yabatumye kumuvugira?
Ariko ndabategera none abazungu bobandanya babaha CPAS(imfashanyo baha abatishoboye) mutagiye muravuza ugwamo! Twarabahinyuye. Mbega inyuma ya genocide mwashatse gukamisha bikabafyura ubu naho muzohamisha iki?

18
Zabulon-mbonerakure 4-04-2018 à 13:55

Twebwe ivyomuvuga ntibituraba birabasha.mwebwe ba murat’umwanya hama twebwe twibandanirize kwubaka igihugu,caha hubwo musabe ikigongwe mutama wacu azokibaha kuko yashize imbere imana!muje neza tuzobakira muje nabi nahone tuzobamese nta burofa!!!nyecubahiro wacu uwuzomwiyumvira nabi,azohura n’imana yo mw’ijuru.twe ntakugugumwa

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha