Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED yerekanye igikorwa cahawe abazorungikwa guserukira urwo runani i (...)
CNARED yerekanye igikorwa cahawe abazorungikwa guserukira urwo runani i Arusha
mardi 14 Ruhuhuma 2017, par
Ubuserukizi bw’urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bwamenyesheje ko buzorungika intumwa ziserukira urwo runani mu biganiro vyimirije kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma 2017. Muri CNARED baravuga igikorwa c’abazoba barungitswe aho i Arusha.
Mw’itangazo CNARED yasohoye kuri uwu wa kabiri, imbere y’iminsi ibiri gusa kugira ibiganiro vyatumweko n’umuhuza MKAPA bitangure, CNARED yibukije ko hari ukutumvikana n’ibibazo hagati y’umuhuza n’urwo runani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Kubw’ivyo, muri CNARED bavuga ko bitoshoboka ko barungika ababaserukira mu biganiro bizoba bihagarariwe n’umuhuza MKAPA. Nk’uko bishikrizwa na Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru mu CNARED, bazorungika umurwi ukomeye "Délégation de haut niveau" i Arusha, uwo murwi ukazoba ugiye gusubira kwibutsa ivyasabwe n’urwo runani ko umuhuza MKAPA yohindurwa, vyanse naho umuhuza ahabwe abandi bamufasha batanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ubumwe bwa Afrika, kugira "MKAPA ashobore gukora yigenga", nk’uko muri CNARED babisaba.
- Jeremie MINANI, ajejwe kumenyesha amakuru muri CNARED
Muri CNARED bakavuga ko inyuma y’ivyo biganiro ariho uwo murwi warungitswe i Arusha uzoshikiriza icegeranyo, kugira urwo runani rumenye namba rwokuraho canke rukagumizaho ingingo y’ugusaba isubirizwa rya MKAPA.
Tubibutse ko inyuma y’aho bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi baherewe ubutumire bw’ukwitaba ivyo biganiro, urunani CNARED rwari rwamenyesheje ko imibonano y’uguhagarika isaba ry’isubirizwa rya MKAPA igeze kure. Ku ruhande rwa Reta, babandanya kumenyesha ko batarota bicarana muri ivyo biganiro n’abanyeporitike baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi.
Bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi boba bamaze kuronka ubutumire ni : Charles NDITIJE, Hussein Radjabu, Godefroid NIYOMBARE, Frederike BAMVUGINYUMVIRA, Leonce NGENDAKUMANA, Agathon RWASA, Bernard BUSOKOZA, Leonidas HATUNGIMANA yahora avugira umukuru w’igihugu, Onesime NDUWIMANA yahora avugira umugambwe CNDD FDD, Yohani MINANI atwara CNARED, Alexis SINDUHIJE, Piyo NTAVYOHANYUMA hamwe na Gervais RUFYIKIRI.
IGIHE
Messages
14 Ruhuhuma 2017, 20:29, par MASABO
IMAN,IBAJIMBERE MUBIGANIRO ABARUNDI TWUBAKE UBURUNDI BWABU
14 Ruhuhuma 2017, 20:31, par MESSI@
ABO BATUMIW NIBO BENE IMGINGO VYOBA NIVYO!
14 Ruhuhuma 2017, 21:12, par jonas
iyo umugabo yariyazize akumva biramose akegereza aba arinera.
14 Ruhuhuma 2017, 22:41, par Musa Gererevazi
Jewe Ndavye Abatavuga Rumwe Nareta Batumiwe Bokwitaba Ndazi Ko Hoboneka Ukuri Guko Abagumywa Banga Bakerara Barimwo Murandamukiriza Rewonidasi Hatungimamana
15 Ruhuhuma 2017, 01:32, par Ntakirutimana AL Joel
Nivyizaa komwafashe iyo ngingo yokwitaba ivyo biganiro, ariko muzohagarare rushingantahe ntimuzohendwe, ariko ntabwoba turabizeye ivyo muzoshikiriza turinyuma zanyu. Cakabiri muzorabe kumutekano wanyu ukingiwe bikwiye, kuko abansi barakaka, kurabaneza muburyo bwibifungurwa nibindi nibindi namwe ndibaza murazi gutambana namukeba, mfise igituma mvuguko, nibutse akahise kuko hariho abanye poritike baguye ngaho Tanzania batishwe nurwakarago, namwe murabazi ok.
15 Ruhuhuma 2017, 08:27, par kamaro
oya ibi sibiganiro nakamaramaza, ngo hatumiwe nabaNiyombare? turasavye reta ntije mwibibintu ngonibiganiro kuko aka nagasuzuguro kwisiyose ntahobiraboneka ko abantu bashatse gutembagaza intwaro yademokarasi baja mubiganiro ahubwo abo bacabarondezwe uruhinde, ahubwo nibabafate babashikirize ubutungane kutabafata kwobarugusasira indava ikibi,
15 Ruhuhuma 2017, 09:03, par Leonidas
NIBAGENDE BUMVIKANE ABARUNDI TURUHUKE TWIRONKERE AMAHORO TWUBAKE UBURUNDI BUSHASHA
15 Ruhuhuma 2017, 09:43, par Kararuza
Hhahaha CNARED itsinze igitsindo DD,none ko aba DD mwagize ubwoba? twahereye kera tubivuga ko muzokwicarana naba Niyombare n’abandi n’abandi nabo mwita abagumutsi,bravo Mkapa et l’Union Europeene
15 Ruhuhuma 2017, 10:09, par Ndayishimiye Djibril
Jew Icombona CENARED Yorungka Delegatio De Haut Niveau Hama Mkapa Naw Agakurwa Hama Abobategets Nabo Batumiw Bazobimenyeshwa Na Delegatio De Haut Niveau.Hama Umukuru W Umugambw C.N.D.D-F.D.D yokwitaba atabwoba mbere agasaba abahunz bose batahuke
15 Ruhuhuma 2017, 10:54, par espoir ryabagabo
Ndatangazwa cane n’uwuvuga k’atari ibiganiro. Ngo ntibicarane naba Niyombare! Mbe ko Leta yari mfatakibanza ya Domitien yemeye kuganira na DD inganda zanyitse? Muribo hari n’abari baciriwe izo gupfa! Ibiganiro biheze ntamahoro mwaciye mubona kw’agaruka? Uganira n’urya nyene mufise ico mupfa muri kahise.
15 Ruhuhuma 2017, 14:12, par mukorombone
ndasavye reta yuburundi ntihirahire ngo yicarane nizombwebwe nireke bubé burabwejera kwasebuja wabwo kagome
15 Ruhuhuma 2017, 17:58, par thierry
kwizera
15 Ruhuhuma 2017, 21:43, par jeremon
Nimwitabe,kukokutitabantmuturimwo. mubihariribitagendaneza.mugiricomushitseko.cohumurizabose.
16 Ruhuhuma 2017, 12:50, par BIZIMANA,
NIHATARI,KWERI,SHAKA,MUREKE,NTAKIVAMWOO.
17 Ruhuhuma 2017, 10:16, par Nsanzurwimo Etienne
Jew Ico Mbon Nuko Impand Zos Zokwicaran Kugir Abarund Tukav Muryan Zituzingamits