Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED yerekanye igikorwa cahawe abazorungikwa guserukira urwo runani i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED yerekanye igikorwa cahawe abazorungikwa guserukira urwo runani i (...)

CNARED yerekanye igikorwa cahawe abazorungikwa guserukira urwo runani i Arusha

mardi 14 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuserukizi bw’urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bwamenyesheje ko buzorungika intumwa ziserukira urwo runani mu biganiro vyimirije kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma 2017. Muri CNARED baravuga igikorwa c’abazoba barungitswe aho i Arusha.

Mw’itangazo CNARED yasohoye kuri uwu wa kabiri, imbere y’iminsi ibiri gusa kugira ibiganiro vyatumweko n’umuhuza MKAPA bitangure, CNARED yibukije ko hari ukutumvikana n’ibibazo hagati y’umuhuza n’urwo runani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Kubw’ivyo, muri CNARED bavuga ko bitoshoboka ko barungika ababaserukira mu biganiro bizoba bihagarariwe n’umuhuza MKAPA. Nk’uko bishikrizwa na Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru mu CNARED, bazorungika umurwi ukomeye "Délégation de haut niveau" i Arusha, uwo murwi ukazoba ugiye gusubira kwibutsa ivyasabwe n’urwo runani ko umuhuza MKAPA yohindurwa, vyanse naho umuhuza ahabwe abandi bamufasha batanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ubumwe bwa Afrika, kugira "MKAPA ashobore gukora yigenga", nk’uko muri CNARED babisaba.

JPEG - 67.1 ko
Jeremie MINANI, ajejwe kumenyesha amakuru muri CNARED

Muri CNARED bakavuga ko inyuma y’ivyo biganiro ariho uwo murwi warungitswe i Arusha uzoshikiriza icegeranyo, kugira urwo runani rumenye namba rwokuraho canke rukagumizaho ingingo y’ugusaba isubirizwa rya MKAPA.

Tubibutse ko inyuma y’aho bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi baherewe ubutumire bw’ukwitaba ivyo biganiro, urunani CNARED rwari rwamenyesheje ko imibonano y’uguhagarika isaba ry’isubirizwa rya MKAPA igeze kure. Ku ruhande rwa Reta, babandanya kumenyesha ko batarota bicarana muri ivyo biganiro n’abanyeporitike baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi.

Bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi boba bamaze kuronka ubutumire ni : Charles NDITIJE, Hussein Radjabu, Godefroid NIYOMBARE, Frederike BAMVUGINYUMVIRA, Leonce NGENDAKUMANA, Agathon RWASA, Bernard BUSOKOZA, Leonidas HATUNGIMANA yahora avugira umukuru w’igihugu, Onesime NDUWIMANA yahora avugira umugambwe CNDD FDD, Yohani MINANI atwara CNARED, Alexis SINDUHIJE, Piyo NTAVYOHANYUMA hamwe na Gervais RUFYIKIRI.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.