Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke: Abana barenga 300 barahevye ishure kubera inzara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Cibitoke: Abana barenga 300 barahevye ishure kubera inzara

Cibitoke: Abana barenga 300 barahevye ishure kubera inzara

mardi 7 Ruhuhuma 2017

Abanyeshure 350 bo muri komine ya Rugombo,mu ntara ya Cibitoke baramaze guheba ishure kubera inzara,muri iki gice ca kabiri c’umwaka w’ishure 2016 ushira uwa 2017.

Amakuru ava mu buyobozi bw’indero muri komine ya Rugombo amenyesha ko 300 muri abo ari abo mu mashure y’intango,mu gihe 50 nabo ari abo mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro.

Ubuyobozi bw’indero muri komine ya Rugombo bumenyesha ko ahanini abo banyeshure baheba amashure kubera ikibazo c’inzara,aho bavuga ko batoshora kwiga n’inzara mu nda.

Abarongoye indero basaba abagira neza gufasha abo bana, na cane cane mu bijanye n’infungurwa kugira basubire mu mashure.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.