Accueil > Amakuru > Amashuri > Cibitoke: Abana barenga 300 barahevye ishure kubera inzara
Cibitoke: Abana barenga 300 barahevye ishure kubera inzara
mardi 7 Ruhuhuma 2017
Abanyeshure 350 bo muri komine ya Rugombo,mu ntara ya Cibitoke baramaze guheba ishure kubera inzara,muri iki gice ca kabiri c’umwaka w’ishure 2016 ushira uwa 2017.
Amakuru ava mu buyobozi bw’indero muri komine ya Rugombo amenyesha ko 300 muri abo ari abo mu mashure y’intango,mu gihe 50 nabo ari abo mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro.
Ubuyobozi bw’indero muri komine ya Rugombo bumenyesha ko ahanini abo banyeshure baheba amashure kubera ikibazo c’inzara,aho bavuga ko batoshora kwiga n’inzara mu nda.
Abarongoye indero basaba abagira neza gufasha abo bana, na cane cane mu bijanye n’infungurwa kugira basubire mu mashure.
IGIHE
Messages
7 Ruhuhuma 2017, 11:34, par muhezagiro spès
twarikukiye hihihihihih
7 Ruhuhuma 2017, 13:16, par Mwumba
Peter Nkurunziza ati Twarikukiye kandi u Burundi buritunze, hhaaahhaa, murahenda abandi, DD ntakabi itazanye, puuuu