IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Cibitoke: Umusore yatawe muri yompi yagirizwa ko akorana n’umurwi (...)

Cibitoke: Umusore yatawe muri yompi yagirizwa ko akorana n’umurwi w’abarwanyi

samedi 17 Munyonyo 2012

Umusore aba ahitwa Nasagarare ku mugwa mukuru w’intara ya Cibitoke, akaba ari umunywanyi w’umugambwe MSD. Ku mugoroba wo kuwa gatanu w’indwi iheze yongeye gufatwa n’urwego rw’iperereza mu ntara ya Cibitoke kandi yaheruka kurekurwa.

Butoyi Alphonse yaheruka kurekugwa na komiseri ajejwe igiporisi c’inyamira mabi mu gihe yari yasanze atakimwagira. Yari yafashwe n’urwo rwego nyene yagirizwa ko akorana n’umurwi w’abarwanyi uheruka gutera mu ntara ya Cibitoke.

Urwego rw’iperereza mu ntara ya Cibitoke ruvuga ko Butoyi Alphonse akekwa ko ari we yoba yakira abandi bantu bava mu ntara zitandukanye kugira abarungike muri Congo.

Uyo musore wewe arabihakana akavuga ko hari abandi basore bazanywe babiri bava mw’i komine ya Matana bafatiwe mu Kibira hanyuma igipolisi gica gishira uwo musore Butoyi muri abo bantu ubwo rero abo babiri baca berekana ko uwo musore ariwe bakorana.

Ariko rero mu muryango wa Butoyi bavuga ko ari iremenkanya kugira uwo muntu wabo yongere gusinzikarizwa ubuzima kuko abanywanyi b’Imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi haza harafatwa kamwe kamwe, hakaba hamaze guhagarikwa uwo muri UPD Zigamibanga ahitwa Ndava I Buganda, uwundi wo muri MSD mu Cibitoke n’abandi batatu bari kumwe n’uwundi wo mu mugambwe UPRONA muri komine Rugombo.

Amakuru dukura aho mu Cibitoke avuga ko abo barekuwe. Imigambwe itavuga rumwe na leta iriyamiriza iyo ngendo.


Bonesha FM

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.