IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > ENS : Abanyeshure babiri mu baserukira abandi birukanwe

ENS : Abanyeshure babiri mu baserukira abandi birukanwe

vendredi 7 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bw’ishure Kaminuza nderabigisha ENS (Ecole Normale Supérieure) bwafashe ingingo y’ukwirukana kuri iryo shure babiri mu banyeshure baserukira abandi.

Abo banyeshure birukanwe bagirizwa ko aribo bari inyuma y’ihagarikwa ry’ivyigwa rimaze hafi indwi zibiri kuri iryo shure.

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi, hamwe n’abo mu kigo nderabigisha ENS baheruka guhagarika ivyigwa, basaba ko ingingo ihindura ingene bahabwa agafashanyo kakaba ingurane yohagarikwa.

N’abanyeshure bo kw’ishure rya Kaminuza y’ivy’ubuvuzi (INSP : Institut National de Sante Publique) bandikiye nabo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamusaba ko yorindira gushira umukono kw’itegeko rihindura ingene bahora bahabwa agafashanyo (Bourse), iryo tegeko rikavuga ko bagiye kugahabwa nk’ingurane (Prêt-bourse).

Abo banyeshure bavuga ko mu gihe iyo ngingo itoba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2017, nabo bazoca bahagarika ivyigwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.